Uko wahagera

Burundi: Abantu 7 Bagirizwa Guhuza Ibitsina Babisangiye Baciriwe Umunyororo Uri Hagati y'Umwaka n'Imyaka 2


Ibohero rya Gitega ripfungiwemwo abaciriwe urubanza
Ibohero rya Gitega ripfungiwemwo abaciriwe urubanza

Abantu indwi bagirizwa uguhuza ibitsina babisangiye bahanishijwe umunyororo uri hagati y'umwaka n'imyaka ibiri. Ni sentare nkuru y'intara ya Gitega yabafatiye ico gihano. Bari mu murwi w'abantu 24 bari bahagaritswe mu mpera z'ukwa kabiri uyu mwaka. Abasigaye bagizwe abere. Abashingwamanza babo bavuga ko bagiye kwungururiza urubanza.

Abahanywe bose ni abari mu bakozi n’urwego nyobozi rw’ishirahamwe ryitwa “Muco” rifise icicaro ku murwa mukuru wa politike Gitega. Batanu bahanishijwe umunyororo w’imyaka 2 mu gihe babiri bazofungwa umwaka umwe.

Umwe mubaciriwe urubanza ni umukenyezi yarajejwe ibigega muri iryo shirahamwe yahunze atarafatwa n’igipolisi mu mpera z’ukwa kabiri igihe abantu 24 bahagarikwa n’igipolisi n’igendereza bari mu nama mu gisagara ca Gitega bikekwako ubutinganyi.

Sentare nkuru ya Gitega yabahanye, ibagiriza uguhuza ibitsina babisangiye no guhimiriza abantu kuja mu buhumbu n’ubusharati nk’uko vyemezwa n’umwe mu bashingwamanza babunganira mu mategeko. Ntiyashimye ko umwidondoro wiwe umenyekana.

Ingingo bafatiwe yamenyekanye kw’itariki ya 22 uku kwezi naho yari yagizwe ibanga kugera mu mpera z’indwi twaraye turangije. Uwo mushingwamanza avuga ko bibabaje kubona n’abarekuwe na sentare bataciye basohorwa mw’ibohero nk’uko vyategerezwa kugenda.

Amakuru Ijwi ry’Amerika ryaronse ni uko umwe mu bari bapfunzwe kubera ivyo vyaha bagiriwa, yitavye Imana mw’ijoro ryo ku wa kane rishira uwa gatanu mu ndwi iheze.

“Abajejwe ibohero na parake ntibamworohereje kugira aje kwivuza vyoroshe ingwara yagendana ya Hepatite B. Yagiye kujanwa kwa muganga ari indembe ataco abaganga bakiramira”, ni ko amasoko yacu yatwiganiye. Abo mu muryango w’uwo mugabo w’imyaka 33 nta kinini bashimye kubivugako. Yamara amakuru amwegereye yabwiye Ijwi ry’Amerika ko azofubwa kuri uyu wa kabiri. Nyakwigendera yaturuka ku musozi wa Mugutu muri komine n’intara ya Gitega. Mevain Shurweryimana yari ajejwe inyigisho mw’ishirahamwe “Muco”. Yari mu bejejwe n’abacamanza nk’uko amasoko yacu abivuga.

Ijwi ry’Amerika ntiryatoye kuri terefone umuyobozi w’ibohero rya Gitega, umuvugizi wa parake nkuru ya Republika n’umuyobozi mukuru ajejwe amabohero mu Burundi kugira ngo bagire ico bavuze canke ngo bishure ubutumwa bwanditse twabarungikiye.

Kuva urwo rubanza rutanguye mu ntango z’ukwa gatatu, abafungwa bakarungikwa mw’ibohero rikuru rya Gitega, amashirahamwe yigenga, abashingwamanza n’iyindi mirwi yirinze kugira vyinshi iruvugako.

“Twashimye kubitwara bukebuke kugira turabe ko abategetsi batoca bavyuririrako mu kubahana cane, bashizemwo n’agashavu karenze”. Ni ko umwe mu baserukira amashirahamwe mpuzamakungu muri Afrika y’ubuseruko yabwiye Ijwi ry’Amerika, ariko ntiyashima ko umwidondoro wiwe umenyekana.
Prezida Ndayishimiye yaragize ico abivugako ico gihe, yamara yirinda kududurirako ko ariko yerekeza kuri aba bantu 24 bafatiwe ku murwa mukuru wa politike. Yavuze ko ubutinganyi bukwegera igihugu umuvumo kandi Abarundi babukora n’ubwo batoba baba mu gihugu, bakwiye gufatwa nk’ibivume".

Ku wa 15 uku kwezi naho, ari ku musozi wa Mugera ahari ikirimba ca Bikira Mariya mu ntara ya Gitega nyene, Ndayishimiye yagarutse ku vyerekeye abatinganyi. Ari imbere y’intumwa ya Papa Fransisiko yari yaje mu birori vyo guhimbaza imyaka 125 iheze Katorika ishinze imizi mu Burundi, Prezida Ndayishimiye yaragirije ibihugu vyo mu burengero bw’isi” vyazanye abamisiyonari muri Afrika gukora amahano azotuma mbere ikiremwa muntu aherengetera, muri yo harimwo ubutinganyi"

Kw’isi yose, amatohoza yakozwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka kiremwa muntu atandukanye yo kugera ku wa 12 ukwezi kwa 12 umwaka wa 2022, yerekana ko hari ibihugu 68 bitemera abatinganyi. 11 muri vyo bibahanisha igihano co gupfa. Ivyo bihugu 68 biri muri Aziya, ikigobe c’Abayahudi n’Abarabu hamwe na Afrika.

Mu Burundi, amategeko ahanisha uwagiriwe n’ubutinganyi igihano kigera ku myaka ibiri y’umunyororo n’ihadabu. Umwe mu bacamanza batatu bunganira uyo murwi yatubwiye ko agiye kwunguruza urubanza muri sentare isubiramwo imanza ya Gitega. Ku bantu 18 bejejwe, 4 baburanye bidegemvya.

Fyonda hasi wumve mu majwi ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza.

Prezida Ndayishimiye: Ubutinganyi Bukwegera Igihugu Umuvumo
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:56 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG