Uko wahagera

Igitero c'Uburusiya Cononye Ikivuko muri Odesa


Abategetsi ba Ukraine, kuri uyu wa gatatu, batangaje ko Uburusiya mw'ijoro ryashiriye uno musi ku wa gatatu, bwakoze ibitero vya misile vyononye inyubakwa n'amatoni ibihumbi n'ibihumbi y'intete, ku kivuko ca Ismail mu ntara ya Odesa iri mu bumanuko bw'igihugu.

Icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Ukraine, Oleksandr Kubrakov, yatangaje ku mbuga ngurukanabumenyi ko izo ntete zari zigenewe ibihugu vya Misiri na Rumaniya. Kubrakov yavuze ko ivyo bitero vy’Uburusiya vyononye ibibanza bitari bike bibikwamwo intete.

Avuga ko ivyo vyagabanije ku rugero rw’ibice 15 kw’ijana ububasha bw’ikivuko ca Ismail bwo gushorera intete hanze y’igihugu.

Kubrakov yavuze ko amakungu akwiye kwumva ko ibitero vy’Uburusiya ku bivuko vyo muri Ukraine ari ibitero ku bihugu vyo muri Afrika na Aziya bikeneye ibifungurwa.

Yavuze ko guhasha igihugu c’Uburusiya kugira ntikibandanye gisenyura ibivuko, ari igikorwa amakungu akwiye guhagurukira.

Igisirikare ca Ukraine camenyesheje ko Uburusiya bwakoresheje utudege twa drone 20 mu bitero kuri Ukraine mw’ijoro ryashiriye uno musi ku wa gatatu. Yamara cavuze ko uburyo bwo kwivuna umwansi bwa Ukraine bwashoboye gusambura drone 9 muri zo hejuru y’igisagara ca Odesa n’izindi drone 2 mu karere ka Zaporizhzhia.

Abategetsi b’Uburusiya, kuri uyu wa gatatu, batangaje ko igitero ca drone ya Ukraine cahitanye abantu 3 mu ntara ya Belgorod, iri ku rubibe Ukraine ihana n’Uburusiya. Uburusiya bwavuze ko icyo gitero casambuye inyubakwa iri hagati ku murwa mukuru Moscou, inyuma y’uko irashwe n’uburyo bwo kwivuna umwansi bw’Uburusiya. (VOA)

Forum

XS
SM
MD
LG