Uko wahagera

Ihagarikwa ry'Ibihumbi vy'Abanyagihugu muri Etiyopiya


Abategetsi muri Etiyopiya bariko barahagarika ikuvunga abantu amajana n'amajana, mbere n'ibihumbi n'ibihumbi ku murwa mukuru, Addis Abeba. Bibaye inyuma y'ingwano yahitanye abantu benshi mu ntara ya Amhara. Iyo nkuru yatangajwe n'abanonosoye amategeko n'ababonye ivyabaye.

Muri iki gihe, abasivile bo mu bwoko bw’Amhara bariko barahagarikwa ikivunga, nk’uko vyatangajwe uno musi ku wa mbere n’ishirahamwe rijejwe agateka ka muntu muri Etiyopiya.

Iryo shirahamwe ryasavye abategtetsi ba reta guhagarika gupfunga abantu bo mu bwoko bw’Amhara. Abanonosoye amategeko babiri batangaje ko ingingo zidasanzwe reta ya Etiyopiya yafashe ziriko zirashirwa mu ngiro ku murwa mukuru, Addis Abeba, aho abikekwa bariko bapfungirwa mu biro vy’igipolisi, mu mashule n’ibindi bibanza vyashizweho vyo kubapfungiramwo inyuma y’uko bahagaritswe mu mabarabara. Reta ya Etiyopiya yo, ivuga ko abantu 23 gusa aribo bahagaritswe ku murwa mukuru, Addis Abeba, hisunzwe amategeko yo mu bihe bidasanzwe.

Bitegekanijwe ko inama nshingamateka ya Etiyopiya, uno musi ku wa mbere, itunganya itora ryo kwemeza icese ingingo zidasanzwe zizorekurira abategetsi guhagarika abantu bose bikeway, ata mutahe wo kubahagarika, babanje kwerekana, gusaka amazu y’abantu no kugabanya uruja n’uruza rw’abantu mw’ijoro.

Hisunzwe amategeko yo mu bihe bidasanzwe yari yashizweho imbere y’aho mu gihe c’ingwano mu ntara ya Tigreya, abantu ibihumbi n’ibihumbi bo mu bwoko bw’Abatigreya barahagaritswe mu gihugu.

Reta ya Etiyopiya yashizeho amategeko yo mu bihe bidasanzwe mu ntara ya Amhara, mu ntango z’uku kwezi. Hari inyuma y’uko abarwanyi bazwi kw’izina rya Fano, bifatanije n’inteko za reta mu ngwano yamaze imyaka ibiri mu ntara ya Tigreya ihana urubibe n’intara ya Amhara, banse gusamburwa inyuma y’amasezerano y’amahoro yashistweko mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye w’i 2022. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG