Uko wahagera

Nijeri: Prezida Bazoum Ashobora Kwagirizwa Uguhemuka n'Ukubangamira Umutekano


Mohamed Bazoum aheruka gukorerwa kudeta
Mohamed Bazoum aheruka gukorerwa kudeta

Muri Nijeri, Abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Prezida Mohamed Bazoum batangaje ko biteguriye kumushengeza no kumuburanisha ku vyaha vyo “guhemuka ku rwego rwo hejuru no kubangamira umutekano w’igihugu”.

Koloneli Amadou Abdramane avugira abatembagaje ubutegetsi bwa Nijeri, mu butumwa yacishije kuri tereviziyo y’igihugu, yavuze ko begeranije “ivyemezo vyose bikwiye” vyo gushengeza Prezida Mohamed Bazou imbere y’ubutungane bwa Nijeri na mpuzamakungu.

Abatembagaje ubutegetsi bwa Nijeri bemeza ko biteguriye no kwitwarira abo bise ba soma mbike ba Bazoum bari mu gihugu no mu makungu.

Itangazo ry’abatembagaje ubutegetsi bwa Nijeri ryasohotse inyuma y’amasaha make bavuze ko biteguriye imishikirano, mu ntumbero yo gukumira amatati hagati yabo n’ishirahamwe ryo gufashanya mu vy'ubutunzi hagati y’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO.

Prezida Bazoum yakuwe ku butegetsi mu mpera z’ukwezi kw’indwi. We n’umuryango wiwe bapfunzwe ic’amaso ku muhana iwe, mu vyumba biri musi y’inzu yiwe.

Ku wa gatandatu, umuganga amwitaho yaramusuzumye, agirako yemeza ko ameze neza. Mu vyo yidogera, harimwo ukuba amaze iminsi irenga 10 ata muyagankuba urangwa aho apfungiwe no kuba atemerewe kubona bamwe mu baryango biwe n’abagenzi biwe. (VOA, AP, AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG