Ku ncuro ya mbere, umurwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi watangaje ko hagati y'imyaka ya 1961 na 1965 hari Abatutsi bishwe mu Burundi. Umukuru w'uwo murwi yabitangaje kuri uyu wa kane ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura.
Pierre Claver Ndayicariye abivuze mu gihe amashirahamwe aharanira inyungu z'inkehwa yari amaze igihe amwidogera ko umurwi arongoye utigera uvuga ku mabi n'ubwicanyi vyakorewe Abatutsi. Eloge Willy Kaneza aratubwira ido n'ido mu majwi aha hepfo.
Forum