Uko wahagera

Ibanki y'Isi Yatangaje ko Itazosubira Guha Ingurane Nshasha Uganda


Ikimenyetso kiranga Banki y'Isi
Ikimenyetso kiranga Banki y'Isi

Ni nyuma y'uko ico gihugu, mu ntango z'uyu mwaka, cemeje itegeko rihana abakundana basangiye ibitsina. Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu n'abandi barateye ivyatsi iyo ngingo.

Ibanki y’isi yose yatangaje ko umugambi wayo ari ugukingira abakumirwa bifatiye ku gitsina. Itegeko rihana abakundana basangiye ibitsina, ritegekanya igihano co gupfa kuri bamwe bamwe muri bo. Iryo tegeko ryateweko igikumu mu kwezi kwa gatanu kw’uyu mwaka.

Abategetsi ba Uganda baradadaje igihe inzego zitanga imfashanyo nk’ibanki y’isi yose n’izindi nzego, zagabisha ko zishobora guhagarika gutanga imfashanyo kubera iryo tegeko rikabije.

Ibanki y’isi yose yavuze ko naho yafashe iyo ngingo yo guhagarika ingurane yaha reta ya Uganda, itazodohoka ku bijanye no gufasha Abanyagihugu bayo kuva mu bukene, kuronka ibintu vya nkenerwa no gukora ibishobotse mu nzira yo gusununura ubuzima bwabo,

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe agateka ka muntu vyatangaje ko itegeko rya reta ya Uganda rihana abakundana basangiye ibitsina rikabije kandi rikumira. Vyavuze ko rihonyanga ikivunga uburenganzira bw’abakundana basangiye ibitsina hamwe n’abandi. Reta Zunze Ubumwe za Amerika nayo nyene yaragabishije ko ishobora gufatira Uganda ingingo zifatiye ku butunzi. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG