Uko wahagera

Pakistani: Uwahoze ari Umushikiranganji wa Mbere Yatawe muri Yompi Yagirizwa Kudandaza Impano


Imran Khan yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Pakistani
Imran Khan yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Pakistani

Muri Pakistani, polisi yataye muri yompi uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu.

Imran Khan yatawe muri yompi inyuma y’iminota mike cane sentare yo ku rwego rw’igihugu imwegetseko ivyaha vyo kugurisha bidaciye mu mategeko “Impano abubahwa batandukanye bahaye igihugu ciwe”. Yagirizwa kugurisha izo mpano hagati y’umwaka wa 2018 na 2022, igihe yaramutswa Pakistani.

Imran Khan yafatiwe mu gisagara citwa Lahore kiri mu buseruko bwa Afuganistani, aca ajanwa gupfungirwa mu gasho kari ku murwa mukuru Islamabad, ahasomewe urwo yaciriwe.

Kiretse yunguruje urubanza yaciriwe akarutsinda, umunyororo yakatiwe uzotuma atongera kuboneka ku rubuga rwa politike mu kiringo c’imyaka 5. Abahinga basesanguriye Ijwi ry’Amerika bavuga ko ata mahirwe asigaranye yo kwitoza mu matora azoba muri ico gihugu mu mpera z’uno mwaka.

Umugambwe wa Imran Khan watangaje yamara ko uza wamaze kwunguruza urubanza uwo munyepolitike aza imbere mu bafise ijambo n’ijunja muri Pakistani yaciriwe.

Mw’itangazo umugambwe PTI wasohoye, wavuze ko ico wise urubanza ruteye isoni rwaciriwe Imran Khan ata kindi rugamije atari ukumuburabuza mu ntumbero yo kumuvana ku rubuga rwa politike.

Imbere y’uko atabwa muri yompi, Khan yari yasohoye ubutumwa bwa videwo aho yavuze ko yiteze guhagarikwa. Muri ubwo butumwa, yasavye abayoboke biwe gutekana no gukomera. Icaha Khan w’imyaka 70 yagirijwe yakomeje kumvikana agihakana mu minsi iheze.

Forum

XS
SM
MD
LG