Uko wahagera

Igisata ca ONU Kijejwe Agateka ka Zina Muntu Kigiye Kugara muri Uganda


Komiseri mukuru w'igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu
Komiseri mukuru w'igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, rigiye kwugara igisata caryo kijejwe ivy'agateka ka zina muntu muri Uganda. ONU izokinjura ku butaka bwa Uganda kubera "ubutegetsi bw’ico gihugu bwayimye uburenganzira bwo kubandanya gukorera ku butaka bwaco."


Igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu kizokwugara burundu ibiro vyaco bikuru biri i Kampala ku murwa mukuru wa Uganda kuri uyu wa gatandatu. Amashami y’ico gisata ari mu gisagara ca Gulu kiza ubwa kabiri mu bunini muri Uganda n'igisagara ca Moroto, yugaye mu minsi iheze.

Igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu cari kimaze imyaka 18 gikorera muri ico gihugu.

Volker Turk atwara ico gisata kw’isi, yatangaje aya makuru agira ati: “Birababaje ko ibiro vyacu muri Uganda bigiye kwugara. Imyaka 18 twari tumaze muri Uganda, twakoranye neza n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, abanyagihugu bava mu mice itandukanye, na reta, mu ntumbero yo guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu muri Uganda.”

Ibiro bikuru vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu mu vyo bishima ko vyakoze vyaranguye mu myaka 18 vyari bimaze ku butaka bwa Uganda, harimwo ugufasha ico gihugu guteza imbere amategeko atandukanye, akaja ku murongo w’amategeko mpuzamakungu. Aha ariko Volker Turk ararwa akagaruka agira ati: “Naho hari intambwe Uganda yateye, impinga iracari ndende mu vyo kwubahiriza agateka ka zina muntu.”

Uburorero ONU itanga mu bisata bukiyiraje ishinga muri Uganda, harimwo “Icuka kibi abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru bariko bakoreramwo mu gihe Uganda, citeguriye amatora rusangi yo mu 2026”.

Mw’itangazo ONU yasohoye, yagarutse kandi no kw’itegeko rihasha abakundana bahuje ibitsina, ivuga ko rija ryatanguye kugira ingaruka mbi ku banyagihugu bo muri Uganda.

Igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu casozereye itangazo ryaco rimenyesha iyugarwa ry’imiryango yaco muri Uganda, rivuga ko ari ngombwa y’uko reta ya Uganda itabera intambamyi umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu gukora widegemvya, ataho uhengamiye.

Forum

XS
SM
MD
LG