Uko wahagera

Sierra Leone: Igipolisi Cahagaritse Abantu Cagiriza Gutegura Ibitero


Abapolisi ba Sierra Leone barimo guhosha imyigaragambyo
Abapolisi ba Sierra Leone barimo guhosha imyigaragambyo

Igipolisi muri Sierra Leone catangaje ko cahagaritse abantu batari bake bashobora kuba barimwo abasirikare, kivuga ko bariko bategura ibitero ku musi wo kwibuka imigumuko yabaye mu kwezi kw'umunani mu mwaka urangiye w'i 2022, yahitanye abantu barenga 30.

Hisunzwe ivyatangajwe n’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufransa, AFP, igipolisi muri Sierra Leone cavuze ko abajejwe umutekano bakwirikiranye amakuru y’iperereza yerekeye ibikorwa vy’abantu bamwe bamwe, harimwo abasirikare bakomeye bigenewe kugeramira amahoro n’umutekano w’igihugu.

Igipolisi catangaje ko abikekwa bataguye gukoresha imyiyerekano itegekanijwe kuba mu mahoro mu ndwi iza kugira bakore ibitero ku nzego za reta nOo ku banyagihugu bitekaniye.

Igipolisi cavuze ko abantu batari bake bahagaritswe, kandi ko abikekwa briko baragifasha mu matohoza. Prezida wa Sierra Leone, Julius Maada Bio aherutse gusubira gutorwa mu kiringo kigira kabiri mu matora yatewe ivyatsi n’abatavuga rumwe na reta. Abakwirikirana ibintu b’abanyamahanga batangaje ko hari ibitagenze neza mu matora. Bakaba bariyamirije kuba igikorwa co guharura amatora kibabaye mu muco.

Abatavuga rumwe na reta baranse kuja mu mu nzego za reta, zaba izo hasi canke izo ku rwego rw’igihugu. Ni mu gihe abashingameteka nka bose kitetse umwe muribo bihojeje inama nshingamateka. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG