Uko wahagera

Muri Nijeriya Abanyagihugu Basahuye Amangazini Abitswemwo Ibifungurwa


Abanyagihugu basahuye amangazini abitswemwo ibifungurwa
Abanyagihugu basahuye amangazini abitswemwo ibifungurwa

Umukwabu warashizweho ku musi w'Imana muri Reta ya Adamawa iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, aho abanyagihugu amajana n'amajana bahaba basahuye ikivunga amamangazini n'ibigangara vyari bibitswemwo ibifungurwa. Iyo nkuru yatangajwe n'abategetsi bo muri iyo reta.

Imikangara iba mu mabarabara ni yo yatanguye gusahura. Yamara mu nyuma yaho abanyagihugu amajana n’amajana barifatanije nayo mu kwinjira mu bibanza aho ibifungurwa, vyari bibitswe barabisahura. Bulamatari wa Reta ya Adamawa, Ahmadu Umaru Fintiri, yashizeho umukwabu w’amasaha 24, nk’uko vyatangajwe n’umuvugizi wiwe, Humwashi Wonosikou, ku musi w’Imana urangiye. Bulamatari yavuze ko ata ruja n’uruza ruzohaba kubera kubera uwo mukwabu washizweho.

Igipolisi co muri Reta ya Adamawa, catangaje ko abajejwe umutekano barungitswe muri iyo reta kwubahiriza umukwabu washizweho hamwe no guutuma ata kundi gusahura kuhaba. Nijeriya carahanganye n’ibibazo bikomeye vy’ubutunzi kuva mu mwaka w’i 2016, vyunyuwe n’ikiza ca virusi ya corona, n’ibitero vy’Uburusiya smuri Ukraine. Hafi y’igice c’abantu imiliyoni 215 babayeho mu bukene ntangere muri Nijeriya. Ivyo naho ico gihugu gifise amatungo akomeye cane y’ibitoro mu bukata bwaco.

Mu kiringo c’amezi 2 arangiye, ubukene bwariyongeye kurushiriza muri Nijeriya mu gihe prezida mushasha, Bola Tinubu yafashe ingingo zitari nke z’ubutunzi zigenewe kunagura igisata c’ivyerekeye kuzana imitahe yo mu kiringo kirekire mu gihugu. Yamara izo ngingo zaragize ingaruka zikomeye ku mikoro y’abanyagihugu. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG