Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, ariko arihweza yitonze ivyashikirijwe na bamwe mu bategtetsi b'ibihugu vyo muri Afrika ku vyerekeye guhagarika intambara muri Ukraine.
Ku musi ugira kabiri w’inama hagati y’Uburusiya n’abategetsi b’umugabane wa Afrika mu gisagara ca St Petersburg, Prezida Putin yatangaje ko imigambi y’uguhuza impande zerwa n’intambara yo muri Ukraine zari ziharijwe n’ivyo avuga ko ari ibihugu vyiyita ko biteye imbere muri demokrasi. Yavuze ko Afrika muri iki gihe nayo nyene yiteguriye gufasha gutorera inyishu ibibazo biraje ishinga amakungu muri iki gihe.
Prezida Putin yatangaje ko igihagararo ca Afrika mu vyerekeye politike n’ubutunzi kiriko kirakomera kurushiriza. Yavuze ko amakungu ateregerezwa kuvyemera. Yatanze akarorero k’umugambi wa bimwe mu bihugu vyo muri Afrika ku vyerekeye gutorera inyishu ikibazo kitoroshe na gato ca Ukraine.
Uburusiya buheruka kuva mu masezerano yarekurira Ukraine gushorera ingano n’izindi ntete mu mahanga biciye mu nzira yo mw’ibahari yirabura. Ivyo vyarateye impungenge bimwe mu bihugu vyo muri Afrika. Yamara Prezida Putin yatangaje ko Uburusiya buzokwongereza ibifungurwa bigenewe umugabane wa Afrika, harimwo guha ako karere ingano n’izindi ntete ku buntu. Putin yavuze ko ashaka gukomeza imigenderanire mu vya gisirikare n’umugabane wa Afrika. (AFP)
Forum