Uko wahagera

FMI Izoha Uburundi ingurane y'Imiliyoni 271 y'Amadolari


Icicaro c'ikigega FMI cubatse i Washington, DC
Icicaro c'ikigega FMI cubatse i Washington, DC

Ikigega mpuzamakungu c'amafranga, FMI, cemeye guha Uburundi ingurane y'imiliyoni 271 y'amadolari. Imiliyoni 62 muri yo ikazotangwa buno nyene.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, rimenyesha ko ubutunzi bw’Uburundi butanguye kwogorora inyuma y’imyaka itari mike y’intambara n’ibibazo vya politike vyasinzikaje bikomeye ibisata bikomakomeye vy’ubutunzi ku ntwaro ya nyakwigendera Prezida Pierre Nkurunziza. Ikigega FMI catangaje ko ingurane yo mu kiringo c’amezi 38 cahaye Uburundi izofasha ico gihugu mu kubandanya ubusumbane hagati y’amafranga asohoka n’ayinjira akoreshwa mu migambi yaco y’iterambere no gutunganya gushasha ubutunzi.

Ikigaga FMI kimenyesha ko ukwogorora kw’ubutunzi bw’Uburundi mu kiringo c’inyuma y’ikiza ca COVID-19 bwaragabanije umurindi, naho busa n’ubutifashe nabi. Ico kigega kivuga ko ingaruka z’ingwano muri Ukraine zatumye ibiciro vy’ibintu vya nkenerwa biduga bikomeye n’ifranga ry’igihugu rita agaciro.

Itangazo ry’ikigega FMI rimenyesha ko ari yo ngurane ya mbere iboneka ico kigega gihaye Uburundi kuva mu mwaka w’i 2015. Ikigega FMI cizeye ko bizotuma izindi nzego zitanga amafranga zikwirikira mu bizogirira akamaro gakomeye Uburundi ku bijanye n’amafranga atari make bukeneye kandi bikazofasha igihugu kuva mu bibazo kirimwo muri iki gihe.
(IMF Press Release )

Forum

XS
SM
MD
LG