Uko wahagera

Igitero ku Ikambi ya Gisirikare Cahitanye Bane muri Pakistani

Muri Pakistani ikambi ya gisirikare yatewe bikomeye n’abagizi b’iterabwoba, mu gitero cahitanye abasirikare bane gikomeretsa abandi batanu.

Igisata c’igisirikare kijejwe gutangaza amakuru, kivuga ko abagizi b’iterabwoba bagerageje kwinjira muri iyo kambi iri mu ntara ya Baluchistan mu buraruko, mu gacimbiri ka Zhob. Bahashitse mu gitondo ca kare cane ariko abasirikare baciye babivuna muco bise “itana mu mitwe ry’insoro rikomeye n’abo bagwanyi.

Mw’itangazo bashikirije, igisirikare congeye kivuga ko muri ico gitero co kwivuna umwansi bishe aba abagwanyi bari bafise ibigwanisho bikoma komeye inyuma yaho bafata abandi bagwanyi babiri bari basigaye.

Azeem Kakar, umwe mu bategetsi bakomeye muri ako gacimbiri yabwiye abamenyeshamakuru ko bamwe mubanyagihugu baguye muri ico gitero aho umukenyezi yahasize ubuzima, abandi bantu batanu barahakomerekera.

Inzego zijejwe umutekano muri Zhob zimenyesha ko muri ico gitero camaze amasaha atari make, caheze abo bagwanyi batanu bose bishwe. Inzego zijejwe umutekano zahaburiye abakozi bazo icenda, hakomereka 15.

Forum

XS
SM
MD
LG