Intumwa idasanzwe ya ONU ku Burundi yashikirije icegeranyo c’ingene agateka ka zina muntu kifashe I Geneve ku cicaro ca ONU.
Iyi ntumwa yabwiye akanama kajejwe agateka ka kiremwa muntu ko ibabajwe n’ifungwa ry’abayavugarumwe na reta, abamenyeshamakuru n’abaharanira agateka ka zina muntu. Yavuze ko ubutegetsi bwa Perezida Ndayishimiye bufise akarimi keza ariko ko mu ngiro atariko bimeze.
Ambasaderi w’Uburundi muri ONU yamunyomoje ko akoresha imvugo ndenzarugero. Ni Mu gihe uwutwara umugwi ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi wewe yerekanye k reta imaze gukora utwigoro two guhana abakora amabi n’aho bose batarafatwa.
Intumwa idasanzwe ya ONU mu vyerekeye agateka ka zina muntu mu Burundi ntarya umunwa mu kwerekana ko n’aho Uburundi buriko buratera intabmwe mu migenderanire n’amakungu, impinga ikiri ndende mu kwubahiriza agateka ka zina muntu.
Fortuné Gaétan Zongo, yabwiye akanana kajejwe agateka ka zina muntu ka ONU I Geneve mu Buswise ko ifungwa n’inyuruzwa ry’abazira ubusa rikibandanya.
Yishimikiza icegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka riheruka kwerekana ko abantu barenga 4000 bishwe mu Burundi kuva mu mwaka w’2015 gushika ubu.
“Iyo migenderanire ntibuza ko abatavuga rumwe na reta batotezwa, bagafungwa, abandi bakangazwa. Ego, umukuru w’igihugu arafise akarimi keza ariko umwizero atanga ntuja mu ngiro. Bamwe baracaburagizwa mu bikorwa vyabo, bigatuma naboshaka gutahuka batavyubahuka. Haracariho ubwicanyi mu gifuri ndetse n’abashaka kugira amanama ntibemererwa. Biraturaje ishinga kandi womenga n’ibisanzwe mu gihe bibangamira agateka ka zina muntu ku rugero rwo hejuru hamwe no kudahana abakora ivyaha bagakingirwa ikibaba”
Uwuserukira Uburundi muri ONU, wewe yemeza ko iyo ari indirimbo abansi b’igihugu aserukira bama baririmba kuva mu mwaka w’2015.
Umufasoni Elisa Nkerabirori, yasubiye kwiyamiriza iyo ntumwa ndetse avuka ko itazokwigera ironka uburenganzira bwo kuja mu Burundi.
« Turasavye ko iyo ndirimbo yama mukanwa kanyu yohagarara, ndetse turasubiye kubiyamiriza n’ibikoresho vyanyu vyose. Erega aka ka nama ka ONU kasigaye gakoreshwa n’abo bacafuza Uburundi. Mureke ubwo bubeshi mwirigwa murategurira hamwe kandi bugashikirizwa amakungu. Uburundi buratekanye, n’amahoro, turi ku kivi c’iterambere co kurwanya Ubukene. Ayo masezerano ya Arusha muvuga ko yahonyanzwe ahubwo iyataba yarubahirijwe, jewe simba nserukira uburundi ngaha. »
N’aho biri uko, uwutwara umugwi wigenga w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH yashikirije ko hakiri ibisata Uburundi bukwiye gushiramwo inguvu nk’Ubutungane n’igisata c’ubwinshi bw’abanyororo. Sixte Vigny Nimuraba.
« Ikibazo gisigaye mu vyerekeye Ubutungane, guhana abakora ivyaha no mu bwinshi bw’abanyorororo. Ariko turashima Utwigoro twa reta y’Uburundi. Ndetse turabona ko hari n’abatwara urwaruka rw’Imbonerakure rwegamiye umugambwe uri kubutegetsi zatanguye guhanwa kubera zahohohoteye abatavuga rumwe na reta bo mu mugambwe CNL nko mu Kirundo, i Ngozi, i Muyinga no mu Kayanza. Hanyuma, ingorane ziri mu mugambwe CNL zega uwo mugambwe nyene ariko zibwirizwa gutorerwa umuti vuba ».
Aha ni ho intumwa y’Ubumwe bwa Bulaya muri ONU yakebuye Uburundi ko n’aho imigenderanire iriko iranaguka, uwo muryango utewe amakenga n’ivyagiriji vyo gufungira abantu ubusa, guhohotera abaharanira agateka ka zina muntu n’Abamenyeshamakuru nk’uwufunzwe yakatiwe imyaka 10 Floriane Irangabiye, hamwe n’ukutorohereza impunzi gutahuka.
Akana ka ONU kajejejwe agateka ka zina muntu, karaneguye ko Uburundi bukirangwa n’ikumirana kandi ko budashaka ikiyago n’abo batavuga rumwe, gafatira kukwiyonjorora kw’intumwa z’Uburundi muri iyi ndwi mu bikorwa nk’ivyo kubera vyitabwe n’umwe mu baronderwa n’Uburundi.
Facebook Forum