Umuvugizi w’igisirikare ca Isirayeri, yatangaje ko reta yakuye inteko zayo mw'ikambi y'impunzi y'Abanyapalestina, mu gisagara ca Jenin mu ntara ya Sijordaniya.
Uwo muvugizi yavuze ko ivyo ari vyo bikorwa vya gisirikare bikomeye bibaye mu myaka igera kuri 20. Yavuze ko vyari bifise umugmnbi wo guhiga abarwanyi bacumbitse mw’ikambi y’impunzi yo mu gisagara ca Jenin. Yatantaje kandi ko hari imirwi itari mike yitwaje ibirwanisho ikorera muri iyo kambi.
Igisirikare ca Isirayeri cavuze ko inteko zaco zasambuye ibibanza 6 bikorerwamwo amabombe, zongera zikurayo ibirwanisho bitari bike.
Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bw’ubutegetsi bw’Abanyapalestina, bwatangaje ko abanyagihugu babwo batari musi ya 12 bishwe mu bitero vya gisirikare vya Isirayeri, mu gihe abandi barenga 100 bakomeretse.
Igisirikare ca Isirayeri cavuze ko umusirikare umwe waco yishwe igihe abasirikare batana mu mitwe n’abarwanyi b’Abanyapalestina.
Abategetsi b’Abanyapalestina batangaje ko ibikorwa vy’igisirikare ca Isirayeri ari ingwano yeruye ku banyagihugu bo mu gisagara ca Jenin.
Igihe inteko za Isirayeri zariko ziva mu gisagara ca Jenin, abarwanyi b’Abanyapalestina bakorera mu ntara ya Gaza bararashe ibikoho vya rokete muri Isirayeri. Indege z’ingwano za Isirayeri zaciye zibasubiriza mu nkoko mu gutera amabombe mu kibanza gikorerwamwo ibirwanisho mu ntara ya Gaza.
Facebook Forum