Uko wahagera

Kutitoza kwa Macky Sall Vyafashwe nk'Itsinzi ya Opozisiyo muri Senegal


Prezida Macky Sall
Prezida Macky Sall

Imigambwe itandukanye y'abatavuga rumwe na Reta muri Senegal yatangaje ko kuba Prezida Macky Sall yavuze ko atazosubira kwitoza mu mabanga y'umukuru w'igihugu ari intsinzi ku banyagihugu.

Moustapha Guirassy, wo mu runani rw’abatavuga rumwe na reta, Yewwi Askan Wi, yagirije Macky Sall ku bwicanyi n’ivyasambuwe mu mwiyerekano iherutse kuba mu gihugu, inyuma y’uko umunyapolitike akomeye atavuga rumwe na reta, Ousmane Sonko, atawe mu mvuto.

Moustapha yatangaje ko ari intsinzi ku banyagihugu. Yavuze ko abanyasenegali bategerezwa kwihweza neza ivyabaye.

Abatavuga rumwe na reta bariko basaba irekurwa rya Ousmane Sonko, hamwe n’uko ingingo zose zafashwe ku vyaha yagirijwe zivanwaho. Basaba kandi abanyasenegali kuguma barikanuye gushika ubutungane bwubahirijwe ku vyerekeye Sonko.

Deathie Fall, umunywanyi w’urunani rw’abatavauga rumwe na reta, Yewwi Askan Wi, yatangaje ko ivyatangajwe na Prezida Sall ko atazosubira kurondera kwitoza mu kindi kiringo bitokoreshwa nk’amayeri yo kubandanya kugeramira abatavuga rumwe na reta, kubakumira no gukumira Ousmane Sonko.

Sonko muri iki gihe ntashobora kwitoza mu mabanga y’umukuru w’igihugu. Yugaraniwe ku muhana iwe n’inteko zijejwe umutekano, inyuma y’uko aciriwe igihano co gupfungwa imyaka ibiri ku vyaha yagirijwe vyo gushurashuza abana b’abigeme bari musi y’imyaka 21. Ivyo vyaha arabihakana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG