Muri Pakistani abagwanyi bishe abasirikare babiri mu vyikekwa ko ari igitero c’iterabwoba.
Mu baguye muri ico gitero cari kigizwe n’itana mu mitwe rikomeye hagati y’abasirikare n’abagwanyi, harimwo umusirikare w’ipete rya Major hongera hakomereka uwundi musirikare.
Abategetsi batangaza ko ico gitero cinyegeje cagizwe ku miduga y’abasirkare bari ku rugendo bagana i Balor mu ntara ya Baluchistan mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu.
Ikinyamakuru c’igisirikare gitangaza ko abo basirikare bari mu bikorwa bijanye no kugwanya iterabwoba muri ako karere, aho bari bagiye kuzibira amayira abagwanyi bahungiramwo.
Nta mugwi uriyitira ico gitero caraye kigizwe muri ako karere karimwo abagwanyi bo mu bwoko bw’aba Baluch n’aba Tehrik-i-Taliban Pakistan bazwi nka TTP. Iyo migwi isanzwe izwi kuba igira ibitero ku nzego za reta zijejwe umutekano.
Facebook Forum