Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abaganga batagira imbibe, “Medecins Sans Frontieres”, ryatangaje ko hadutse ingwara y’agasama muri Sudani.
Abo baganga bavuga ko iyo ngwara imaze guhitana abana 13. Bakeka kandi ko iyo ngwara iri mw’ikampi y’abateshejwe ingo zabo mu ntara ya White Nile.
Iryo shirahamwe ryanditse ku rubuga rwayo rwa Twitter rigira riti: “Tuguma twakira abana bagwaye agasama buri musi kandi benshi muri bo baza baremvye”
Iryo shirahamwe “Medecins Sans Frontieres” rifise amavuriro abiri mu ntara ya White Nile. Rivuga ko ryakiriye abarwayi 3000 mu kwezi kwa gatandatu, bakeneye “kwongerwa imfashanyo irimwo abitaho amagara yabo kugira ngo babahe incandago, ibifungurwa, amazi meza hamwe n’uburaro bwiza.
Facebook Forum