Abayislamu bari mw’koraniro i Mecca bariko bahanganan’uruzuba rudasanzwe mu migirwa ntagatifu, barimwo.
Imwe muri iyo migirwa bariko bakorera mu ruzuba rudasanzwe muri Arabiya Sawudite ni “ugutera amabuye satani”.
Abo bislamu ibihumbi amajana n’amajana bari muri urwo rugendo rutagatifu aho mu gitondo bavyuka ubushuhe bugeze kurugerorw’amadegre selesiyusi 42.
Uno musi bavyutse bagana ikibanza baterako ayo mabuye ca Jamarat, hafi y’igisagara gitagatifu ca Mecca.
Urwo rugendo rugana ku mpome zitatu z’ikimenyetso ca satani, rurimwo ugutambuka ku biraro bitatu binini bitandukanye.
Bakoresheje amabuye mato mato bahawe mw’ijoro ry’ejo hakeye ahitwa Muzdalifa. Uwo mugirwa, ubibutsa igihe Ibrahim yatera amabuye satanimu kugwanya inyosha mbi n’ibigeragezo vyayo.
Uno mwaka, urwo rugendo rw’I Maka, rwaranzwe n’ubushuhe ntangere, mu gihe ejo ku musi wa kabiri uruzuba rwinshi n’ubushuhe bwashitse kurugero rwa 45, aho abantu bamaze umusi wose mu masengesho kumusozi wa Arafat utagira agatutu canke akayaga.
Facebook Forum