Uko wahagera

Pasiteri Theogene Niyonshuti Yakunzwe na Benshi Yitavye Imana


Pasiteri Theogene Niyonshuti
Pasiteri Theogene Niyonshuti

Pasiteri Theogene Niyonshuti wo mu Rwanda, yamenyekanye mu butumwa bw'Imana yashikiriza burimwo urwenya rwinshi, n'ibikorwa vyiza birimwo gufasha abana bo mw'ibarabara n'impfuvyi yitavye Imana azize insanganya y'umuduga yabereye i Kabale, mu burengerazuba bwa Uganda.

Babiri mu bo bari kumwe mu modoka nabo nyene bashengeye, uwundi umwe araremvye.

Pasiteri Niyonshuti Theogene ashengeye ku myaka 40. Asize abana bane n'umugore Ubutumwa bwiwe bwashingira ahanini ku buzima bugoye yabayemwo, burimwo ukuba mw'ibarabara.

Mu kiganiro Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe yagiranye na Murungi Sabin, Umumenyeshamakuru wa Isimbi TV, ari mu bakunda kumukoresha ibiganiro bica kuri YouTube, yavuze ko Pasiteri Theogene wo mw'ishengero ry'aba ADEPR asize igihengeri kinini muri sosiyete y'akarere k'ibiyaga binini vya Afurika.

Murungi Sabin: Pasiteri Theogene Asize Igihengeri Kinini muri Sosiyete
please wait

No media source currently available

0:00 0:06:04 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG