Abajejwe gutabara muri Amerika babonye ibimanyu bishobora kuba ari ibisigarira vy’icogabahari Titan caburiwe irengero kuva ku wa Mungu mw'ibahari ya Atlantika hagati y’Amerika n’Uburaya.
Ico cogabahari carimwo ingenzi 5 zari zigiye kuraba ahari ibisigarira vy’ubwato Titanic bwibiye mu 1912.
Abahinga bavuga ko umwuka ufasha guhema abari muri ico cogabahari Titan igihe bari munsi y’amazi wari guhera kuri uno kane. Kigihaguruka ku wa Mungu w’indwi iheze, cahagurutse gifise umwuka w’imisi ine gusa.
Ibimanyu vy’ivyuma bishobora kuba ari ibisigarira vy’icogabahari Titan bije bikuraho ibizigizigi vy’uko hoba hari uwugihemuka mu bari muri ico cogabahari.
Abajejwe gucungera inkengera z’amazi muri Amerika bari batangaje ko ikiringo c’ukwizeza kugira uwo barokoye gishobora kwiyongera mu gihe abakirimwo boba barashoboye kubika umwuka ubafasha guhema.
Icogabahari Titan cabuze ku munsi wa Mungu, umunsi cahagurukiyeko mu buraruko bw’ibahari Atlantika. Hambavu y’umudereva waco, abandi bari bakirimwo barimwo umunyagihugu umwe akomoka mu Bwongereza, Umugwizatunga w’umunyapakistani n’umuhungu wiwe, umunyagihugu afise ubwenegihugu bw’Ubufaransa, n’umwe mu bahinga b’ubwato bwa Titanic bwibiye mu 1912. Abari mu kigendabahari Titan bose bari bagiye kuraba ibisigarira vy’ubwato bwa Titanic.
Ku munsi wa kabiri w’ibikorwa vyo kurondera ahari icogabahari Titan, abajejwe gutabara barumvise urwamo munsi y’amazi, gutyo bongereza ubwato bwo gutabara bizera ko urwamo rushobora kubafasha kumenya ahaherereye ico cogabahari. Abahinga babandanya gusigura ko urwo rwamo ata kinini rwafashije, kuko rushobora kuba rwari n’uruterwa n’ibindi biri mw’ibahari.
Abajejwe gutabara bari bavuze naho bari gutora aho icogabahari Titan cari, ikindi cari kutaborohera ari ukumenya ingene bagitoye bosubira kukiduza kikava munsi y’amazi. Uruhande rwa Atlantika Titan yarimwo rusanzwe rurimwo imikuba myinshi y’amazi, ivyo navyo ku bw’abahinga, bishobora gutuma ibikorwa barimwo, bigorana.
Abantu bagera ku 46 ni bo bari bamaze gukorera ingendo mu cogadabahari Titan kuva mu 2021. Umwe mu ba mbere bakigiyemwo yavuze ko ingendo zaco ari nk’ibikorwa vy’abihevyi b’abakamikaze agira ati: “Ibaze urwuma rw’amametero, winjiramwo ntushobore guhagarara. Ababurimwo babwirizwa kuguma bicaye umwe uruhande rw’uwundi, bibaye ngombwa bakarerana. Ntushobora no gupfukama.”
Umuhinga mu vy’ibidukikije yitwa Nicolai Roterman akomoka mu Bwongereza yaburiye amakungu avuga ko ibibaye ku cogabahari Titan vyari bikwiye gutangwa icigwa c’uko ata bukerarugendo bukwiye gukorerwa munsi y’amabahari.
Yagize ati: “Nka kiremwamuntu dukwiye kumenya ko munsi y’amazi atari ikibanza dukwiriye kubamwo.”
Facebook Forum