Ibikorwa vyo kurondera ahari icogabahari citwa Titan caburiwe irengero kuva ku wa Mungu mw'ibahari ya Atlantika hagati y’Amerika n’Uburaya birabandanya. Ico cogabahari carimwo ingenzi 5, zari zigiye kuraba ahari ibisigarira vy'ubwato bwa Titanic bwazamye muri iyo bahari.
Impungenge zo kurokora abari baburimwo ni nyinshi: Hari amakenga ko umwuka ubafasha guhema usigaje amasaha make cane. Cari gifise umwuka ushobora gufasha guhema abari bakirimwo igihe bari munsi y’amazi mu kiringo c’iminsi ine.
Abajejwe gucungera inkengera z’amazi muri Amerika bavuga ko amahirwe yo gushobora gutora abantu bari muri ico cogabahari, ahera uno munsi.
Abahinga ariko babandanya kuvuga ko ikiringo gishobora kwiyongera mu gihe abakirimwo boba barashoboye kubika umwuka ubafasha guhema. Gusa, abo bahinga bakongera bagasigura ko atawokwizera ko abakirimwo bakiri bazima kuko cabuze ku munsi wa Mungu, umunsi cahagurukiyeko mu buraruko bw’ibahari Atlantika.
Ku munsi wa kabiri w’ibikorwa vyo kurondera ahari icogabahari Titan, abajejwe gutabara barumvise urwamo munsi y’amazi, gutyo bongereza ubwato bwo gutabara bizera ko urwo rwamo rushobora kubafasha kumenya ahaherereye ico cogabahari. Abahinga babandanya gusigura ko urwo rwamo ata kinini rwafashije, kuko rushobora kuba rwari n’uruterwa n’ibindi biri mw’ibahari.
Hambavu yo kumenya aho icogabahari Titan kiri, abajejwe gutabara bavuga ko ikindi kibagoye ari ukumenya ingene bagitoye, bosubira kukiduza kikava munsi y’amazi. Uruhande rwa Atlantika Titan yarimwo rusanzwe rurimwo imikuba myinshi y’amazi, ivyo navyo ku bw’abahinga, bishobora gutuma ibikorwa barimwo bigorana.
Abantu bagera ku 46 ni bo bari bamaze gukorera ingendo mu cogadabahari Titan kuva mu 2021. Umwe mu ba mbere bakigiyemwo yavuze ko ingendo zaco ari nk’ibikorwa vy’abihevyi b’abakamikaze agira ati: “Ibaze urwuma rw’amametero, winjiramwo ntushobore guhagarara. Ababurimwo babwirizwa kuguma bicaye umwe uruhande rw’uwundi, bibaye ngombwa bakarerana. Ntushobora no gupfukama.”
Facebook Forum