Uko wahagera

Icizere co Kurokora Abandi Bimukira Bari mu Bwato Bwibiye mu Bugiriki Cagabanutse


Ubwato Bwibiye mu Bugiriki
Ubwato Bwibiye mu Bugiriki

Mu Bugiriki, icizere co kurokora abimukira boba baraguye mu bwato bwibiye mu mazi yo ku nkegera y'ico gihugu ku munsi wa gatatu gitera kigabanuka.

Umupfasoni Stella Nanou avugira ishami rya ONU ryitaho impunzi kw’isi, HCR, yatangaje ko ata cizere c’uko hari ibindi biziga vy’abaguye mu bwato bwibiriye ku ruhande rw’Ubugiriki. Madamu Nanou yavuze ko ariko uko biri kwose, ibikorwa vyo kubandanya kurondera abandi boba bari muri ubwo bwato bibwirizwa kubandanya.

Abajejwe gutabara uno munsi ku wa gatanu bakoresheje uburyo bwose bushobotse, burimwo indege yafata amafoto yo munsi y’amazi, ariko nta muntu babonye.

Ubwato bwibiye ku munsi wa gatatu w’ino ndwi bwari ubwato bwo kuroba. Bwahitanye abababa 80. Abagera ku 104 mu bari baburimwo bararokoka.

Igitigiri nyezina c’abari muri ubwo bwato nticamenyekanye. Umwe mu barokotse yabwiye abaganga yamara ko yiboneye ubwiwe abana bagera kw’ijana bari baburimwo.

Ejo ku wakane,igipolisi co mu Bugiriki cayataye muri yompi abantu 9 bagirizwa urudandazwa rw’abantu. Muri abo 9, harimwo umudereva w’ubwo bwato bwibiye.

Mu barokotse harimwo abanyagihugu bafise ubwenegihugu bwa Siriya, Misiri na Pakistani.

Ubwato bwibiye bwariko buja mu Butariyano. Amakuru ataremezwa avuga ko bwoba bwari bwahagurutse buva muri Libiya. Akenshi abafata ingendo nk’izo baba bariko bagerageza gushika muri Grece, Ubutariyano na Espanye. Ahanini bava muri Afrika na Aziya. Baba bariko bahunga intambara, abandi bahunga ubukene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG