Uko wahagera

Myanmar: Abanyagihugu Bishwe mu Mezi 20 Yakurikiye Kudeta Bagera ku 6000


Bamwe mu banyagihugu ba Myanmar bakoze imyiyerekano biyamiriza ubwicanyi
Bamwe mu banyagihugu ba Myanmar bakoze imyiyerekano biyamiriza ubwicanyi

Abasivile barenga 6000 ni bo bishwe mu mezi 20 ya mbere yakurikiye itembegazwa ry’ubutegetsi muri Myanmar. Ibi biharuro vyatangajwe n’ikigo co muri Noruvege gikorera mu vyo gutsimbataza amahoro no kurinda amatati citwa, Peace Research Institute of Oslo.

Ikigo Peace Research Institute of Oslo cavuze ko abasivile 6337 cemeza ko bishwe inyuma ya kudeta yabaye mu kwa kabiri komu 2021, bazize ivyiyumviro vyabo vya politike.

Abo bose bishwe hagati y’igenekerezo rya 1 ry’ukwezi kwa kabiri ko mu 2021 n’irya 30 z’ukwezi kwa cenda ko mu 2022 nkuko ico kigo kibandanya kubivuga muri raporo yaco. Abakomeretse muri ico kiringo ni 2614.

Ikigo Peace Research Institute of Oslo cemeza ko benshi mu banyagihugu bishwe bagandaguwe n’uruhande rw’abasirikare batembagaje ubutegetsi. Hari ariko n’abishwe n’uruhande rwari ruhanganye n’abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Mynamar.

Abatembagaje ubutegetsi muri bwa Mynamar bagirizwa kwica abantu 3003, abari bahanganye n’abakoze kudeta nabo bakegekwako imfu z’abagera ku 2152. Hari 12 boba barishwe n’abasivile, 1170 nabo bagandagurwa n’abataramenyekana.

Ibiharuro vyatanzwe na Peace Research Institute yo muri Noruveje biri hejuru cane ugereranije n’ibindi vyatanzwe muri kahise n’ayandi mashirahamwe yigenga arimwo na mpuzamakungu. Ikigo Peace Research Institute kivuga ko ivyo biharuro bishobora no kuba birenga ku vyo catangaje muri raporo yaco nshasha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG