Uko wahagera

Amerika Yahagaritse Gutanga Imfashanyo z'Imfungurwa muri Etiyopiya


Umupfasoni ahagaze aharti imfashanyo za Amerika
Umupfasoni ahagaze aharti imfashanyo za Amerika

Amerika yahagaritse imfashanyo z'infungurwa yahora itanga muri Etiyopiya. Ikinyamakuru, The Washington Post, gikorera muri Amerika catangaje ano makuru kivuga ko Amerika yahagaritse izo mfashanyo inyuma y’amatohoza y’ikigo kijejwe iterambere muri Amerika, USAID, yerekanye ko igisirikare ca Etiyopiya kinyuruza imfungurwa zagenewe abakene.

Raporo ya USAID ivuga ko hari n'abari muri reta ya Etiyopiya bagize uruhara runini mw’inyuruzwa z’imfashanyo z’abanyagihugu ba Etiyopiya. USAID muri iyo raporo isigura ko zimwe mu mfungurwa zibwe zahawe abasirikare n’abahoze ku rugamba. Hari ariko n’abategetsi “badandaza ifu bivye ku masoko, abayiguze nabo bakaja kuyidandaza hanze ya Etiyopiya” nkuko USAID ibandanya kubisigura.

USAID muri raporo The Washington Post ifitiye kopi yagize iti: “ Amatohoza yimbitse yarerekanye ko inyuruzwa ry’ibifungurwa vyagenewe gufasha abanyagihugu ba Etiyopiya rikora mu rwenge rwinshi. Iki ni icaha.”

Abakoze amatohoza ku ruhande rwa USAID bagendeye ahari amazu 63 yo gusya ifu mu burere indwi muri icenda bugize Etiyopiya, bahasanga infungurwa nyinshi zanyurujwe. Izo mfungurwa zarimwo izatanzwe n’Amerika, Ukraine, Ubuyapani n’Ubufaransa.

USAID yasavye abatanze imfashanyo bose muri Etiyopiyta kurimbura uko imfashanyo zabo ziriko zirakoreshwa.

Ingingo ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yo guhagarika gutanga imfashanyo z’imfungurwa muri Etiyopiya ishobora kuzogira ingaruka ku mamiriyoni menshi y’abanyagihugu ba Etiyopiya babeshejweho n’imfungurwa z’imfashanyo.

Ni ingingo ishobora kandi kuzosongera isibe ibibazo vyari bisanzwe vyugarije abanyagihugu ba Etiyopiya, muri vyo harimwo ivy’ubugararwa, iduga ry’ibiciro, n’ingaruka z’intambara.

Ikinyamakuru, The Washington Post, cavuze ko carondeye umuvugizi wa reta ya Etiyopiya, umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere n’umurwi ujejwe ivy’ibiza bose baranka kugira ico bavuga kuri ibi vyagiriji.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG