Uko wahagera

Uburundi Bwibutse Umwaka wa Gatatu Petero Nkurunziza Ashengeye


Icegera ca prezida mu Burundi, Prosper Bazombanza yunamira intatemwa ya nyakwigendera Pierre Nkurunziza aho Uburundi bwibuka umwaka wa gatatu ashengeye. Gitega, Burundi kw'itariki ya 8/06/2023
Icegera ca prezida mu Burundi, Prosper Bazombanza yunamira intatemwa ya nyakwigendera Pierre Nkurunziza aho Uburundi bwibuka umwaka wa gatatu ashengeye. Gitega, Burundi kw'itariki ya 8/06/2023

Abarundi kuri uyu wa kane ku ncuro ya gatatu bahimbaje umusi witiriwe " Imboneza yo gukunda no kuzirikana igihugu". Ni umusi wahariwe uwahoze arongoye Uburundi Prezida Pierre Nkurunziza.

Ku murwa mukuru wa politike Gitega aho nyakwigendera Prezida Nkurunziza yafubwe ni ho habereye ibirori. Abavyitabiriye bose bari abatumire. Nta munyagihugu asanzwe yahabontese nk’uko bigenda ku yindi misi mikuru y’igihugu.

Umupfakazi wa nyakwigendera Nkurunziza, Denise Nkurunziza, Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca, icegera ca Prezida Prosper Bazombanza, abakuru b’inama nshingamateka na nkenguzamateka Daniel Gelase Ndabirabe na Emmnuel Sinzohagera, niho bari. Hari kandi ba bulamatari, abasitanteri, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi bagwiriyemwo Abarabu n’Abanyafrika, abaserukira amadini n’amashengero, abo mu mashirahamwe yigenga n’umukenyezi wa Prezida Evariste Ndayishimiye.

Prezida Ndayishimiye ntiyitabiriye ibirori kubera ari mu nama ya 22 y’umuryango wa Comesa i Lusaka muri Zambiya. Ni inama Uburundi bufisemwo amahirwe yo gushingwa amabanga yo kuyobora uwo muryango w’ubutunzi w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko n’amajepfo, nk’uko amasoko y’Ijwi ry’Amerika yabitubwiye.

Havuye amasengesho, ubutumwa bw’umwanya muto, nta jambo ry’urubanza ryavuzwe bitumwe n’uko Prezida Ndayishimiye atariho yari. Ibirori vyamaze umwanya atari munini kubera ugushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa birangiye, abatumire baciye bisoza.

“Biratangaje, rwari urubanza rw’abanyabirato gusa kandi rwitirirwa urw’igihugu. Nta munyagihugu asanzwe yigeze ahashika”, ni ko umwe mu bari bahari yabwiye Ijwi ry’Amerika.

Umukuru w’igihugu yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter yashizeko ifoto ari kumwe na Nkurunziza yamusigiye intebe agira ati” Kuri uyu musi udasanzwe wahariwe gukunda no gukundisha igihugu tuzirikana iragi rya sogokuru wacu Prezida Petero Nkurunziza: Uko bukeye uko bwije, dusenge dukora, dukore dusenga”. Aya majambo “Dukora dusenga, dusenga dukora”, cari co civugo ca Prezida Nkurunziza kuva akija ku butegetsi muri 2005. Naho inama nshingamateka yemeje ko itariki 8, umusi umuhisi Nkurunziza yashengereyeko mu kwa gatandatu 2020, uzomwitirirwa nk’imboneza yo gukunda igihugu, hari bamwe mu banyagihugu batabibona uko. Bamwe babona ko yari intwari abandi nk’abahunze ku ntwaro yiwe mu 2015 bitewe n’indyane za politike zaturutse ku kindi kiringo ca Nkurunziza cateye impari basanga yarataye igihugu mu kaga.

Naho atahawe ijambo kuri uyu wa kane, Denise Bucumi Nkurunziza, umupfasoni wiwe babanye imyaka 26 ukuyemwo 6 yamaze ari mw’ishamba mu murwi wagwanya igihugu, n’ubwo banyuzamwo bagahura akatari gake, yaramushingiye intahe akatari gake.

Prezida Ndayishimiye nawe ntasiba gusigurira Abarundi na cane cane abanywanyi ba CNDD-FDD, umugambwe uri ku butegetsi icatumye uwo yasubiriye ahabwa iryo teka.

Mu mateka y’Uburundi kiretse ku ntwaro za cami, Nkurunziza niwe mukuru w’igihugu wa mbere yatwaye imyaka myinshi akaba n’Umukuru w’igihugu wo mu bwoko bw’abahutu umwe yasimvye ihirikwa ry’ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG