Reta ya Amerika iriko iragerageza gutohoza icatumye indege igira isanganya mu bumanuko bwa reta ya Viriginiya ejo ku musi wa mungu.
Iyo ndege yagize isanganya inyuma y’aho umudereva wayo atariko arishura ibibazo n’ibimenyetso yariko ashikirizwa n’abajejwe umutekano wo mu kirere, maze, bica bituma igisirikare ca Amerika kimera magabo.
Igipolisi kimenyesha ko abajejwe gutabara bashitse aho iryo sanganya ryabereye n’amaguru mw’ijoro ry’ejo ku musi w’Iman,a basanga abantu bose bari muri yo, bahasize ubuzima.
Ubushikiranganji bujejwe uruja n’uruza mu kirere butangaza ko iyo ndege yagiriye isanganya mu misozi iri ahitwa Montebello muri reta ya Viriginiya. Ni ku birometero 200 mu bumanuko bushira uburengero bw’umurwa mukuru Washington D.C.
Yahagurutse iva ku kibuga c’indege co muri reta ya Tennessee, ikaba yari igira irangize urugendo rwayo rwagana i New York. Yamara inyuma y’aho, yaciye ihindukira.
Indege zo mu ntambara zibiri zahagurutse vyihuta zikoresha induru idasanzwe n’ibintu bituragurika, zigana kuri iyo ndege y’abikorera, kubera yari itanguye kugurukira hafi y’akarere k’umurwa mukuru wa Amerika.
Amatohoza ku Cateye Insanganya y'Indege mu Micungararo y'Umurwa Mukuru wa USA
Facebook Forum