Uko wahagera

Tanzaniya na OMS Batangaza ko Umugera wa Marburg Waheze muri ico Gihugu


Leta ya Tanzaniya n’ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, vyatangaje ko umugera wa Marburg waheze mu gihugu cose.

Haheze amezi abiri arenga Tanzaniya itangaje ko yatewe n’umugera wa Marburg. Abemejwe ko banduye uwo mugera ni icenda. Abo wahitanye bakaba batandatu.

Umuntu wa nyuma yapimwe uwo mugera ntibawumutoreko muri Tanzaniya yawupimwe igenekerezo rya 19 ukwezi kwa kane. OMS ivuga ko bisaba iminsi 42 inyuma y’igipimo ca nyuma kugira ikiza cemezwe ko caheze.

Ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS, rivuga ko ari ubwa mbere umugera wa Marburg wari uteye muri Tanzaniya.

OMS isigura ko mu vyatumye uhera, harimwo ingingo zitandukanye Tanzaniya yagiye irafata kugira ntukwiragire mu tundi turere. Akarere ka Kagera ni ko abarwaye bose bibonekejemwo.

Igihe gitera muri Tanzaniya, ikiza ca Marburg, carateye kandi Gineya Ekwatoriyari. Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri ico gihugu butangaza ko abo bumaze kumenya ko bahitwanywe n’uwo mugera ari 12.

Umugera wa Marburg urashusha cane n’uwa Ebola. Ku ncuro ya mbere wibonekeje mu Budagi mu gisagara ca Marburg ari naco witiriwe. Nta rucanco canke umuti ugira. Gusa, OMS ivuga hari imiti yo kuwuvura iriko iragerageza.

Ibihugu vyo muri Afrika uwo mugera umaze kwibonekezamwo ni Uganda aho wageze mu 2017, Afrika y’epfo, Angola na Kenya. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG