Uko wahagera

Amerika Izofatira Ibihano Abatazubahiriza Agahengwe k'Intambara muri Sudani


Umushikiranganji wa Amerika w'imigenderanire n'ayandi makungu, Antony Blinken
Umushikiranganji wa Amerika w'imigenderanire n'ayandi makungu, Antony Blinken

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu agabisha abajenerali bayobora impande zoze ziriko ziragwana muri Sudani ko batubahirije amasezerano y’amahoro bashobora gufatirwa ibihano.

Iryo gabisha rije inyuma y’aho abanyagihugu bidogeye ko itana mu mitwe hagati y’impande zibiri zishamiranye ryabandanije kuri uno musi wa kabiri ku murwa mukuru i Khartoum no mu bindi bisagara vyo mu buraruko.

Iyo ntambara imaze guhitana abantu amajana n’amajana, ihindura Khartoum n’ibindi bigwati uturere tw’intambara nyayo. Mu ntango yayo, ibihugu bitandukanye vyaciye bitangura guhungisha abakozi b’ubuserukizi bwavyo hamwe n’abanyagihugu babo bari muri Sudani, aho baboneye abanyagihugu ibihumbi n’ibihumbi batanguye guhunga igihugu. Ubu abanyesudani barenga umuriyoni baramaze guta ingo zabo kubera iyo ntambara.

Reta zunze ubumwe za Amerika na Arabiya Sawudite ni vyo bihugu bimaze indwi zitari nke bihagarariye ibiganio vy’umwumvikano bibera mu Bwongereza, hagati y’impande zose. Amasezerano y’umwumvikanyo agira indwi yari yapfunditswe mu mpera z’indwi turangije mu ntumbero yo kugerageza guhagarika ubwicanyi butagira izina buriko bubera muri ico gihugu kiri mu buseruko bwa Afrika. Ayo masezerano yagiye mu ngiro ku mugoroba w’ejo ku musi wa mbere, akaba yabaye amwe muri menshi yagiye arahonyangwa.

Igihugu ca Sudani cagiye mu ntambara mu kwezi kwa kane igihe hatangura itana mu mitwe hagati y’abasirikare b’igihugu bayobowe na Jenerali Abdel Fattah Burhan n’umugwi w’abasirikare biyise Rapid Support Forces bayobowe na jenerali Mohamed Hamdan Dagalo. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG