Uko wahagera

Abantu Hafi 10 Barahitanywe na Kolera muri Afrika y'Epfo


Ukwiyadukiza kw'indwara ya kolera muri Afrika y'epfo kwahitanye abantu batari musi ya 10, abandi 37 nabo bameze nabi cane, mu ntara ibamwo abantu benshi cane mu gihugu ya Gauteng.

Amakuru atangazwa n’abategetsi bajejwe amagara y’abantu avuga ko abantu batari musi ya 95 bakiriwe mu bitaro kuva ku musi wa mbere w’indwi irangiye. Abo bantu berekana ibimenyetso vya kolera mu gice citwa, Hammanskrall, kiri mu buraruko bw’umurwa mukuru wa politike wa Afrika y’epfo, Pretoria.

Ibipimo vyo kwa muganga vyaremeje ku musi w’Imana abantu 19 bafise kolera, nk’uko vyatangajwe n’abajejwe amagara y’abantu. Bongeye bamenyesha ko abantu 37 bakiwe mu bitaro bameze nabi cane. Muri bo harimwo umwana w’imyaka 3 n’abakuze 9.

Nomantu Nkomo-Ralehoko, ayoboye igisata c’ubuvuzi mu ntara ya Gauteng, yasavye abanyagihugu gufata kurushiriza ingingo z’ukwikingira kolera n’ukugumana isuku.

Igisagara ca Tswane caragabishije abanyagihugu baba mu gice ca Hammanskraal n’ibice bihegereye kutanywa amazi yo mw’ibombo. (AFRICANEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG