Uko wahagera

Burundi: Abarimyi Basaba Reta Kubaronsa Ifumbire Izimbutse


Abarimyi bo mu ntara z’Uburaruko bw’Uburundi no hagati basaba abarongoye ihinguriro ry’umwavu FOMI kubaronsa aho bogurira ifumbire iri ku mafaranga makeyi kuko hari abarimyi badashobora kuronka ayo kugura umufuko w’ibiro 50. Babishikirije mu gihe ihinguriro FOMI ririko riragenzura uko ifumbire yatanzwe mu gihugu mw’isizeni iheze.

Intumwa z’ubushikiranganji bujejwe uburimyi ziri kumwe n’iz’ihinguriro FOMI mu ngendo mu ntara zimwe zimwe zo mu gihugu hagati kwirabira ingene ifumbire ya FOMI yatanzwe mw’isizeni riheze. Zimenyesha ko zasanze igikorwa co gutanga iyo fumbire cagenze neza.

Hermenegilde Manyange icegera c’umuyobozi mukuru w’ihinguriro FOMI aremeza ko imyidogo y’abarimyi itera igabanuka afatiye kuri kahise.

N’abarimyi bayaze n’abakunzi b’Ijwi ry’Amerika barashima ko iyo fumbire yabashikiriye ku gihe mw’irima ry’impeshi kandi koumwimbu wa kino gihe wifashe neza.

Ariko bamwe muri abo bamenyesha ko badafise ubushobozi bwo kugura ifumbire ya FOMI ku rugero rw’umufuko w’ibiro 50. Bagasaba kuronswa amazu y’idandarizo mu gihugu hagati yobaronsa ku rugezo ruto ruhuye n’uburyo bafise.

Ico kibazo kirazwi mw’ihinguriro ry’ifumbire FOMI nk’uko ababijejwe muri iryo hinguriro babivuga. Icegera c’umuyobozi mukuru waryo avuga ko ico gisabo c’abarimyi bafise amikoro make kiriko kirigwa.

N’aho utwigoro twa reta canke ihinguriro FOMI ari twinshi kugira abarundi baronke umwimbu, isi ndimwa yo mu mitumba ntizobakundira kuko irangwamwo umururazi mwinshi.

Abahinga ba kaminuza y’Uburundi mu bijanye n’ivyunyunyu vy’isi bavuga ko isi ndimwa itera itituka. Ari na co gituma umwimbu utigera uba mwinshi nk’ uwo mu myaka iheze n’ubwo hakoreshwa ifumbire ya kijambere.

Ikindi cibonekeje muri izo ngendo zo kuraba itangwa ry’iyo fumbire mu ntara zirangurirwamwo cane uburimyi, ni uko bamwe mu barimyi bataramenya urugero bisunga mu gukoresha iyo fumbire.

Icegera c’umuyobozi mukuru w’ihinguriro FOMI avuga ko inyigisho ku kuntu iyo fumbire ikoreshwa ziza zaratanguye.

Eka n’abigisha ba kaminuza basanzwe ari n’abahinga mu bijanye n’ivyunyunyu vy’isi basaba ko hoba amahimiriza menshi y’ukuntu umwavu uhinguye wokoreshwa ku rugero udatitura isi. Banasaba kandi ko bishobotse hoba kuruhurira isi ndimwa mu gukurakuranya ibiterwa.

Ihinguriro ry’ifumbire FOMI ry’abikorera utwabo ryashinzwe i Bujumbura mu mwaka wa 2019, kugira rironse ifumbire abarimyi bahora bikora ku yahora iva mu bihugu bigize umuryango wa Buraya. Hari inyuma y’aho ivyo bihugu bifatiye ibihano Leta y’ Uburundi kubera indyane za politike zadutse mu gihugu mu mwaka wa 2015.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG