Uko wahagera

USA Yemeye Imiriyoni 103 z'Amadorali yo Gufasha Impunzi za Sudani


Zimwe mu mpunzi za Sudani
Zimwe mu mpunzi za Sudani

Reta zunze ubumwe z'Amerika yemeye imiriyoni zirenga 100 z'amadorali yo gufasha impunzi za Sudani.

Samantha Power atwara ikigo c’Amerika kijejwe iterambere mpuzamakungu, USAID, yatangaje ivy’ino mfashanyo mu rugendo yakoreye mu gihugu ca Cadi, rugamije guhura n’impunzi zo muri Sudani.

Imbere y’uko intambara y’abarwanira ubutegetsi muri Sudani yaduka, Cadi yari isanzwe icumbikiye impunzi ziharurwa mu bihumbi 600, zirwiriyemwo abanyagihugu ba Sudani.

Imiriyoni 103 z’amadorali Amerika yemeye zizogabanganwa hagati ya Sudani izoronswa imiriyoni 50 zizofasha hagati mu gihugu, Sudani y’epfo ironke imiriyoni 22, Cadi ihabwe imiriyoni 17, imiriyoni 6 zisigaye zihabwe Misiri kugira ifashe impunzi za Sudani.

Ku bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, muri rusangi hakenewe imiriyaridi zitatu z’amadorali y’Amerika yo gufasha vyihutirwa Sudani, impunzi zayo, n’abagera umuriyoni vyitezwe ko bazohunga igihugu muri uno mwaka.

Amerika yasavye abandi bagiraneza guterera, kuko “uburyo bukenewe bukiri bwinshi.” (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG