Uko wahagera

Burundi: Umunyeshure w'Imyaka 16 Yubatse Urubugahwaniro Rukora Nka Telegram


Tumusavyeyesu Francois
Tumusavyeyesu Francois

Mu Burundi, kw’ishure ry’akarorero y’i Makamba, hari umunyeshure yubatse urubugahwaniro rufitaniye ubucuti na Telegram. Uwo muyabaga w’impaka 16, afise ingorane zo gushira urwo rubuga ahabona kugira abarukeneye barushire mu materefone yabo hanyuma barukoreshe nawe yunguke.

Tumusavyeyesu François yiga mu mwaka wa kabiri w’inyuma y’amashure shingiro kw’ishure kw’ishure y’akarorero y’i Makamba. Urwo rubuga yatunganije akarwita Frasasu, rukora nka Télegram. Iyo uhejeje kurushira muri terefone ikuze, uca uronka ubutumwa bw’ikaze buvuye kuri telegram mbere n’abagenzi bawe basanzwe bakoresha telegram, baca babona ko ubaye umunywanyi wa Telegram.

Nawe ushize muri terefone yawe urwo rubuga, uca ubona amanomero y’abagenzi bawe bakoresha telegram. Gutyo muca mutangura guhanahana ubutumwa bwanditse canke bw’ijwi, amakuru n’amareresi.

Umwigisha Bayubahe Claude, yigisha ubuhinga bwa none mu bijanye no gutumatumanako amakuru muri iryo shure, yamukurikiranye kuva atanguye kubaka urwo rubugahwaniro.

Mu migambi uwo muyabaga afise, ni ukubandanya atera imbere muri ubwo buhinga

Urwo rubugahwaniro Frasasu ruracari mu gihe c’igeragezwa. Uwo muyabaga aracabuze amafaranga atanga ku womuha indaro –hebergeur- canke ngo arushire mu ntonde z’izindi mbuga, -playstore- aho uwurukeneye ashobora kurutora akarushira muri terefone yiwe. André Nininahawze arongoye ishure y’akarorero y’i Makamba asaba abajejwe indero kumutera intege, ni yo yaheza amashure yisumbuye akaronka aho yoja kwiga kaminuza yomufasha gutera imbere muri ubwo bumenyi asanganywe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG