Uko wahagera

Umurundi Spiros Richard Hagabimana Ashobora Kuba Umwirabure wa Mbere mu Nama Nshingamateka y'Ubugiriki.


Umurundi Spiros Richard Hagabimana ashobora kuba umwirabure wa mbere atorewe kuja mu nama nshingamateka y'igihugu c'Ubugiriki.
Umurundi Spiros Richard Hagabimana ashobora kuba umwirabure wa mbere atorewe kuja mu nama nshingamateka y'igihugu c'Ubugiriki.

Umurundi Spiros Richard Hagabimana yahoze ari intwazangabo mu gipolisi c'Uburundi ashobora kuba umwirabure wa mbere atorewe kuja mu nama nshingamateka y'igihugu c'Ubugiriki. Avuga ko azoshira imbere ineza y'abanyagihugu muri rusangi mugabo akazitwararika rwose ibibazo vy'abimukira yari amaze imyaka ine yose afasha gutorera inyishu.

Spiros Richard Hagabimana, ari mu mugambwe wa “Conservative New Democracy” utwarwa n’umushikiranganji wa mbere w’Ubugiriki. Mu kiganiro cihariye yahaye Ijwi ry'Amerika yavuze ko afise amahirwe menshi yo gutahukana ikibanza c’umushingamateka mu karere ka Piree yitozamwo mu murwa mukuru Athenes. Naho ari we mwirabure wa mbere ashobora kuba mu nama nshingamateka y’Ubugiriki, avuga ko atari ikintu co kumirako.

Aramutse agize amahirwe yo gusasa mu nama nshingamateka ya kimwe mu bihugu vyavuyemwo incabwenge za mbere mw’isi zanditse zongera zivumbura ibintu n’ubu bicigishwa mw’isi yose, Hagabimana avuga ko azitaho ibibazo vy’abimukira barimwo n’abaturuka mu karere ka EAC igihugu yatayemwo uruzogi kirimwo.

Hagabimana ari mu bantu bagirijwe gushaka guhirika ubutegetsi muri 2015 mu Burundi. Umucamanza wa mbere yaramwejeje abona kurekurwa. Mugabo sentare y’iyungururizo mu kwezi kwa gatanu 2016 yamusabiye gufungwa ubuzima bwose isaba ko afatwa ubutarariye. Gusa yari aza yarashitse mu Bugiriki.

Uwo mugabo yavuye mu gipolisi c’Uburundi afise ipete rya colonel avuga ko icivugo ciwe ngenderwako mu buzima ari “Ukwigenga ubuntu”.

Spiros Richard Hagabimana w’imyaka 54 afise umwana umwe w’umuhungu w’imyaka 11. Yemeza ko kugira arekurwe n’ubutungane bw’Uburundi haroyemwo igitsure c’Ubugiriki bufatanije n’ibindi bihugu vya Buraya.

Uburundi buremera utubira tubiri ku bavukagihugu babwo. Hagabimana yaronse akabira k’Abagiriki inyuma y’ugusaba ubuhungiro muri ico gihugu mu 1996. Uwo mwaka yari ahejeje ivyigwa mw’ishure ryigisha ibijanye no kurwanira mu mazi. Yari yageze muri Athenes imyaka itanu imbere y’aho yanka gutaha kubera igihugu cari gihejeje kubamwo ihirikwa ry’ubutegetsi. Yahavuye ataha muri 2005 igisirikare ca kera cari ciziziwe n’Abatutsi kimaze gucangwa n’abahoze ari inyeshamba z’imihari y’Abahutu yarwanya ubutegetsi bw’ico gihe.

Imbere y’umucamanza ku murwa mukuru wa politike i Gitega yireguye avuga ko icaha co gushaka guhirika ubutegetsi yegetsweko atakizi kubera canabaye ari mu rugendo rw’akazi muri Zanzibar. Gusa yemeje ko yanse amabwiriza yo kurasa abari mu myirekano yo kwiyamiriza ikindi kiringo cateye impari ca nyakwigendera Nkurunziza uwo mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG