Uko wahagera

Burundi: Impande Zibiri z'Umugambwe UPRONA Ziyemeje Gusubiza Hamwe


Abanywanyi b'umugambwe UPRONA mu matora y'umukuru w'igihugu 2020

Mu Burundi, impande zibiri z'umugambwe w'abadasigana UPRONA warondeye ukwikukira kw'igihugu ziyemeje gusubiza hamwe inyuma y'imyaka 12.

Umukuru w'umugambwe UPRONA, ishami ryemewe na Reta Olivier Nkurunziza avuga ko intumbero nyamukuru ari iyo gusubiza iteka n'ijunja uwo mugambwe wamanye no kugira uzoje mu matora y'abashingamateka muri 2025 n'ayazokurikira ya Prezida muri 2027 ufise inguvu zihagije.

Evariste Ngayimpenda atwara uruhande rwa UPRONA rutemewe n'amategeko we amenyesha ko ari akaryo keza ko gusubiza hamwe abanywanyi b'umwe mu migambwe yagerageje kuguma ihagaze kuva Uburundi buronka intahe yo kwikukira.

Mu kiganiro cihariye yahaye Ijwi ry’Amerika, Olivier Nkurunziza avuga ko imvo nyamukuru yatumye impande zibiri za UPRONA ziyemeza gusubiza hamwe ari akarangamutima k’uwo mugambwe wama ushira imbere umwumvikano n’ibiganiro. Kubw’iwe bizofasha cane mu matora yaba ay’abashingamateka muri 2025 n’aya prezida mu myaka ibiri izokurikiraho.

Hari umurwi washinzwe urimwo abo muri izo mpande zibiri kugira wige uko ubwo bwiyunge buzokorwa n’ingene hazogaburwa ibibanza mu nzego. Ikimaze kwemeranywako ni uko umukuru w’umugambwe n’icegera ciwe ku rwego rw’igihugu bizoguma bihariwe ishami ryemewe na Reta nk’uko Nkurunziza arirongoye avyemeza.

Evariste Ngayimpenda atwara ishami ritemewe n’amategeko rya UPRONA yavuze ko umugambwe wari ugeze aho umwansi ashaka.

Mu biganiro vy’amahoro no guhagarika intambara vyabereye i Arusha muri Tanzaniya vyasozere n’amasezerano yo mukwa munani 2000, UPRONA wari kw’isonga ry’imigambwe iharanira inyungu z’Abatutsi. Olivier Nkurunziza awutwara asigura ko ubu vyahindutse.

Ngayimpenda arongoye ibaba rya UPRONA ritemewe n’amategeko aragabisha ko ukutumvikana kuzamaho. Gusa ahumuriza ko ingorane zizokemurwa mu mwumvikano.

Kugera ubu umugambwe UPRONA uracahabwa ibibanza hafatiwe ku masezerano ya Arusha agabanganya ubutegetsi hagati y’Abahutu n’Abatutsi, amoko abiri yiganje mu Burundi. Mbere n’icegera c’umukuru w’igihugu ni umunywanyi wawo.

Mbega abavuye mw’ishami ritemewe na Reta bashobora kugira amahirwe amwe n’ab’ibaba ryemewe? Inyishu tuyihabwa na Olivier Nkurunziza.

UPRONA ni wo mugambwe uramvye kurusha iyindi mu Burundi. Washinzwe muri 1958 n’umuganwa Louis Rwagasore, umuhungu w’umwami Mwambutsa Bangiricenge wa Kane akaba asa n’uko ari we mwami wa nyuma Uburundi bwamenye kubera umuhungu wiwe Charles Ndizeye yarafise izina ry’ubwami rya Ntare wa Gatanu yaganje hagati y’itariki ya 8 ukw’indwi na 28 ukwa cumi na rimwe muri 1966 aba yugaye intwaro ya cami.

Kuwa mbere ukw’indwi 1962, UPRONA watsindiye intahe y’ukwikukira k’Uburundi inyuma y’amezi hafi icenda uwayiharaniye yishwe. Kuva Prezida Melchior Ndadaye agandaguwe muri 1993, amashami ya UPRONA yabaye indiri. Ariko ayakomeye anafise abanywanyi benshi bayegukira ni aya abiri yiyunze.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:04 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG