Uko wahagera

Rumonge: Ababomorewe Amazu n'Imyuzure Bagiriza Ubutegetsi Gutanga Amazu Bahawe nk’Imfashanyo.


Amazu yubakiwe abagize ingaruka z'imyuzure mu ntara ya Rumonge
Amazu yubakiwe abagize ingaruka z'imyuzure mu ntara ya Rumonge

Bamwe mu banyagihugu amazu yabo yabomowe n'imyuzure mu ntara ya Rumonge mu bumanuko bushira uburengero baridoga. Amazu mashasha y'imfashanyo bubakiwe na OIM, igisata ca ONU kijejwe abimukira yahawe abakozi ba Reta batigeze bahura n'ingorane. Abaganiriye n'Ijwi ry'Amerika basaba abajejwe intwaro kwiga ico kibazo no kugitorera umuti.

Bulamatari w'intara ya Rumonge Leonard Niyonsaba avuga ko utunenge twose tuzokosorwa kandi ata muntu n'umwe azinjira inzu atayigenewe.

Ibindi kuri iyi nkuru muvyumvire mu majwi y'umumanyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Nairobi, Eloge Willy Kaneza.

Abakuwe mu Vyabo n'Imyuzure mu Rumonge Basaba Gutunganirizwa
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:59 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG