Uko wahagera

Ni Kuki Abategetsi mu Burundi Bakumira Abakurikirana Amakuru kuri Twitter Zabo?


Bamwe mu Barundi bakoresha urubuga rwa Twitter baridogera abategetsi b'Uburundi babima uburenganzira bwo gushikira amakuru bashira ku mbuga zabo.

Ubuhamya n’uturorero dutandukanye Ijwi ry’Amerika yabonye vyerekana ko inzego zitandukanye za reta zakumiriye abifuza kuronka amakuru. Muri izo nzego harimwo ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, ari nabwo bubarizwamwo umutekano, n'urubuga rw'umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu.

Umumenyeshamakuru w'Umurundi, Antoine Kaburahe, mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yemeje ko abo ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwazibiye ku rubuga rwabo rwa Twitter bagera kw'ijana.


Umumenyeshamakuru Kaburahe yanebaguye iyo ngendo, yumvikanisha ko inyuranye n'amategeko, atomora ko umunyagihugu afise uburenganzira bwo kuronswa amakuru no kuyarondera aho yipfuza, kandi imbuga ngurukanabumenyi z'abategetsi n'inzego ata n'umwe zari zikwiye gukumira.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu, Albert Shingiro, ari mu bidogerwa ko bakumira abatandunaye ku rubuga rwiwe rwa Twitter. Ejo ku wa mbere, yishuye umwe mu bamubajije igituma yazibiye ko "ari ikosa ryabaye agira ati: "Albert Shingiro ntakunda ivyiyumviro bimwe, arakunda ukuyaga n'abo badatahura kimwe ibintu, ariko biciye mu kubahana."


Tukivuga ku vy'imbuga ngurukanabumenyi z'inzego zitandukanye z'Uburundi, ibiro vy'umushikiranganji wa mbere ejo ku wa mbere vyarakomboye uwujejwe igisata co kumenyesha amakuru.

Mw'itegeko nimero 100/162, ubwo bushikiranganji bwasohoye, bwavuze ko uwari ajejwe amabanga yo kumenyesha amakuru yakoze ikosa riremereye ritari iryo kwihanganira.

Yazize ubutumwa bwanditswe mu Kirundi, buherekeza ifoto y'umwe mu baherekeje prezida wa Kongo, Felix Tshisekedi, mu nama igira 11 ku vy'umutekano wa Kongo n'akarere yabereye i Bujumbura mu ndwi iheze.


Iyo foto yerekanye uwo mutegetsi wa Kongo, ari inyuma ya Prezida Tshisekedi asinziriye. Urubuga rwa Twitter y'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere, buca bwandika buti: "Mbona harimwo abasinziriye."

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG