Uko wahagera

Burundi: Abantu Indwi Barishwe n'Ingaruka z'Imvura mw'Isare


Isare Flood aftermath
Isare Flood aftermath

Abantu indwi nibo bamaze kumenyekana ko bitavye Imana abandi batatu barakomereka bahitanywe n'imisozi yahomaguritse yo muri komine Isare mu ntara ya Bujumbura, muri iyindwi iheze. Abajejwe intwaro basaba ubufasha ku miryango itaramenyekana igitigiri kanuni, itagira aho ikika umusaya.

Abantu bitavye Imana bagizwe n’abana 6 bose biga mu mwaka wa mbere, hamwe n’umutamakazi umwe. Baba ku ducimbiri dutandukanye tugera kuri 5, two ku mitumba 3 ya komine Isare aho imisozi yagiye irahomagurika. Kugeza ubu ababuze buzuye akabonge, vyanse ko bavugana n’isoko ryacu kubera umubabaro.

Abajejwe intwaro muri komine ya Isare, bavuga ko bahimirije abanyagihugu bagifise amazu akomeye gutanga indaro kuri bagenzi babo bahuye n’ivyago. Ariko rero bamwe mu banyagihugu baridoga ko atagufashanya kukiri mu barundi nka mbere.

Iyi mvura imaze iminsi igwa iheruka guhitana abandi bantu mu ntara ya Bubanza ihana urubibe n’iyi ntara ya Bujumbura. Ahandi amazi abandanya komora abanyagihugu ni muri zone Gatumba muri iyo ntara nyene. N’ubwo utwo turere twose dusa n’udusangiye ikibazo kiva ku mvura, kamwe kose gafise umuzi w’ikibazo kisangije maze imvura ikaza nk’imbarutso.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG