Uko wahagera

Abanyesudani Bafitiye Icizere Ibiganiro vy'Amahoro


Abanyasudani barafie icezero ku biganiro vy'amahoro biriko bibera muri Arabiya Sawudite hagati y'impande zirwana muri Sudani. Ingwano muri ico gihugu imaze guhitana abantu amajana n'amajana, yongera ituma abandi isinzi bahunga igihugu.

Nta kimenyetso kihari cerekana ko agahengwe karama kazoboneka mu bihe vya vuba. Nta n’ivyavuzwe ku ntambwe zoba zashitsweko mu biganiro, hagati y’igisirikare ca reta ya Sudani n’abarwanyi biyonkoyeko.

Impande zirwana zatangaje ko ziriko ziragerageza gutorera inyishu ibibazo vyerekeye gutabara abanyagihugu birimwo gushiraho imihora ikingiwe, bashobora gucamwo. Yamara ntaco zavuze ku bijanye no kugerageza guhagarika ingwano.

Ibiganiro vyo mu gisagara ca Jeddah, bihagarikiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ni ko kigoro ka mbere kabaye ko guhagarika ingwano yasinzikaje ibice bitari bike vy’umurwa mukuru wa Sudani, Khartoum. Itangazo ry’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Arabiya Sawudite ryamenyesheje ko ivyo biganiro vya mbere vyatanguye ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye, kandi ko bizobandanya mu misi iri imbere.

Hari icizere ko bizoshika ku gahengwe ko mu gihe gitoyi, kazokwubahirizwa neza kugira vyorohereze ibikorwa vyo kugarukira abanyagihugu basinzikaye.

Amasezerano yerekeye agahengwe yabaye incuro zitari nke yarahonyanzwe kenshi kuva ingwano yadutse muri Sudani kw’itariki 15 y’ukwezi kwa kane kw’uyu mwaka. Urwamo rw’ibitero vy’indege z’ingwano rwumvikanye ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum, uyu musi wa mbere, nk’uko vyatangajwe n’abahaba. (REUTERS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG