Uko wahagera

Guterres Asaba Abarwana muri Sudani Kworohereza Abatanga Imfashanyo


Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres
Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guteress, yasavye abarwana gushira ibigwanisho hasi, kugira abagiraneza bashobore gushikana imfashanyo mu banyagihugu ba Sudani yavuze ko bari mu kaga katagira izina.

Ni mu gihe imirwi ibiri y’abasirikare irwanira ubutegetsi muri Sudani yongeye gutana mu mitwe mu gatondo k'uno wa kane.

Amakuru ava muri Sudani Ijwi ry’Amerika ryaronse avuga ko ingwano ikomeye y’abarwanira ubutegetsi yabereye ku murwa mukuru Khartoum, no mu micungararo yawo. Ni mu gihe agahengwe k’imisi indwi abarwana bari bemeye kwubahiriza, kari gutangura kuri uno wa kane.

Uruhande rwose rurwana rusa nk’urushaka kwomora urundi, rukaruvana ku murwa mukuru Khartoum, mu ntumbero yo kwigarurira imicungararo y’ingoro ya prezida, n’ibiro bikuru vya gisirikare.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guteress, yasavye abarwana gushira ibigwanisho hasi, kugira abagiraneza bashobore gushikana imfashanyo mu banyagihugu ba Sudani yavuze ko bari mu kaga katagira izina.

Ubushikiranganji bwitaho amagara y’abantu muri Sudani butangaje ko abamaze kugwa mu ngwano yatanguye mu kwa kane barenga 500. Abakomeretse bababa 5000.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abimukira, OIM, mu biharuro vyaryo bishasha, ryerekana ko abegeranirijwe mu makambi yo hagati ari n’imiburiburi ibihumbi 334, abamaze guhungira mu bihugu bibanyi bakaba ibihumbi 100.

Ishami rya ONU ryitaho impunzi riragabisha ko intambara muri Sudani ishobora gutuma abagera ku bihumbi 800 bahungira mu bihugu birimwo Cadi, Santrafrika, Misiri na Etiyopiya (VOA, AFP, AP, REUTERS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG