Uko wahagera

Sinduhije: Ikibazo c'Uburundi Kiri mu Bitera Umutekano Muke wa Kongo


Alexis Sinduhije atwara umugambwe MSD utavuga rumwe n 'ubutegetsi bw'Uburundi

Mu Burundi kuri uno wa gatandatu hazobera inama ya 11 y'abakuru b'ibihugu na za reta zasinye amasezerano y'amahoro n'umutekano mu burasirazuba bwa Republika ya Demokarasi ya Kongo, no mu karere.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, n'abandi bategetsi bazokwitabira iyo nama bamaze gushika I Bujumbura ahazobera iyo nama.

Mw'itangazo umugambwe, MSD, utavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburundi wasohoye, wasavye Antonio Guteress, kuganira vyimbitse na Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye ku bibazo birimwo umutekano w'akarere muri rusangi, n'ivyega Uburundi cane cane.


Mu kiganiro Alexis Sinduhije, atwara MSD yagiranye n'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Diane Nininahazwe, yashimangiye ko umutekano muke w’akarere atari ikibazo cihariye ca Kongo.

Fyonda hasi wumve ikiganiro cuzuye Alexis Sinduhije yahaye Ijwi ry'Amerika.

Sinduhije: Kongo Ntizoronka Amahoro Akarere Kose Kadatekanye
please wait

No media source currently available

0:00 0:06:02 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG