Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, uno musi ku wa gatanu, ryatangaje icese ko ikiza ca COVID-19 kitakigeramiye amakungu.
Abagize umurwi mpuzamakungu ujejwe ingingo zihutirwa ku bijanye n’amagara y’abantu muri OMS baraganiye ivyerekeye ikiza ca COVID-19, ku musi wa kane. Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, afatiye ku vyo bashitseko, yemeye ko COVID-19 itakiri ikibazo cihutirwa kigeramiye amakungu.
Muri iyo nama igira iya 15 y’uwo murwi ku bijanye n’ikiza ca COVID-19, Teddros yatangaje ko uko ibintu vyibonekeje mu bihe vya vuba vyatumye ibihugu bitari bike mu makungu bisubira mu buzima busanzwe nk’uko vyari biri imbere y’uko ciyadukiza.
Ishirahamwe OMS, mu kwezi kwa mbere mu mwaka w’i 2020, ryari ryatangaje, ko ukwiyadukiza kw’ikiza ca COVID-19, cari ikibazo cerekeye amagara y’abantu cihutirwa amakuru ategerezwa guhagurukira. Abantu bemejwe ko banduye COVID-19 mu bice bitandukanye vyo kw’isi kuva ico kiza caduka bararenga imiliyoni 765, hisunzwe ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe OMS. Abari hafi y’imiliyoni 7 carabahitanye. (CNN)
Facebook Forum