Uko wahagera

Nyamugigima Yahitanye 1 Ikomeretsa 13 mu Buyapani


Inzu yabomowe na Nyamugigima mu gisagara ca Suzu, muri prefegitura ya Ishikawa, mu Buyapani, kw'itariki ya 05/05/2023
Inzu yabomowe na Nyamugigima mu gisagara ca Suzu, muri prefegitura ya Ishikawa, mu Buyapani, kw'itariki ya 05/05/2023

Kinyamugigima gikomeye cane cihaye inkumbi, mu masaha yo ku mutaga, uno musi ku wa gatanu, mu Buyapani. Cahitanye umuntu umwe gikomeretsa abandi 13. Yamara nta gabishwa ry'uko hashobora kuba Tsunami ryahabaye.

Ico kinyamugigima co ku rugero rwa 6.2 cabereye mu gice citwa Ishikawa kw’izinga rya Honshu riri mu buraruko bw’Ubuyapani.

Igiko kijejwe gukwirikirana binyamugigima co mu Buyapani camenyesheje ko ico kinyamugigima catigitiye ku bilometero bigera hafi ya 12 musi y’ubutaka. Amakuru atangazwa avugwa ko umuntu umwe yahasize ubuzima, abandi batari musi ya 13 barakomereka mu gisagara ca Suzu mu buraruko bw’ikigobe ca Noto mu gice ca Ishikawa. Amazu atandatu yononekaye.

Amasanamu kuri televiziyo ya reta yerekanye igice c’umusozi casenyukiye ku nzu. Iyo televiziyo yerekanye kandi amasanamu ya videwo yafashwe n’umumenyeshamakuru yari yagendeye umuryango wiwe mu gice ca Ishikawa. Uyu yerekana icumba yarimwo kiriko kiranyiganyiga mu kiringo kiri hafi y’igice c’umunuta.

Umuvugizi wa Reta y’Ubuyapani, Hirokazu Matsumo, yatangaje ko hari amakuru avuga ko izindi nyubakwa zononekaye. Yamara nta catangajwe niba ibibanza bibiri bitanga umuyagankuba ufatiye ku buhinga bwa nikereyeri biri mu gice kinyamugigima c’uno musi ku wa gatatu, cabereyemwo vyononekaye.

Amatereni anyaruka cane agira uruja n’uruza hagati y’ibisagara vya Tokyo na Kanazawa mu gice ca Ishikawa yahagaritswe mu kiringo gitoyi ku mpamvu z’umutekano. Yamara yasubiye kubandanya ibikorwa vyayo nk’uko bisanzwe mu nyuma y’aho. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG