Uko wahagera

Kenya: Igiporisi Caburijemwo Imyiyerekano y'Abatavuga Rumwe n'Ubutegetsi


Abari mu myiyerekano muri Kenya
Abari mu myiyerekano muri Kenya

Igiporisi ca Kenya catesheje imyiyerekano y'abatavuga rumwe na Reta y’ico gihugu.

Abakoze imyiyerekano I Nairobi ku murwa mukuru wa Kenya bari bafise intumbero yo gushikana ku biro vya Prezida William Ruto, urwandiko rwiyamiriza “Ubuzima buzimvye rw’ivya nkenerwa birimwo ibifungurwa, ibitoro n’umuyagankuba.”

Igiporisi ca Kenya camijagiye imyotsi yokera mu maso mu bari muri iyo myiyerekano i Nairobi gurtyo ibabuza gushika ahakorera Prezida William Ruto.

Mu bice bimwe bimwe vy’inkengera y’umurwa mukuru wa Kenya, i Nairobi naho, igiporisi cahanganye n’abakiri bato bari bazibiye amabarabara, bongera baturira amapine y’imodoka.

Mu buseruko bwa Kenya naho nyene habereye imyiyerekano, imodoka yo mu bwoko bwa bisi yunguruza abantu n’ikamyo ziraturirwa. Nta ngenzi zari muri izo modoka zaturiwe.

Mu gisagara ca Kisumu kiri mu burengero bwa Kenya aho Raila Odinga afise abanywanyi benshi, abakoze imyiyerekano baturiye amapine, bongera bazibira amabarabara.

Raila Odinga atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kenya ni we yari yateye akamo abanywanyi kugira imyiyerekano y’uno wa kabiri. Mu vyo abandanya kwagiriza Prezida William Ruto, harimwo ico yita “Gushika ku butegetsi atatsinze amatora, no kunanirwa gutorera umuti ikibazo c’ubuzima buzimvye.”

Kuva mu kwezi kwa kabiri k’uno mwaka, ifaranga rya Kenya rimaze gutakaza agaciro kugera ku bice 9.2%. Ibiciro vy’ibiribwa vyaraduze gushika ku bice 13.3%. Hambavu y’ibi bibazo, Kenya ihanganye kandi n’ubugararwa butigeze bubaho muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG