Uko wahagera

Kenya: Abishwe n'Ukwisonzesha muri Babisabwe na Pasiteri Barenze 70


Bamwe mu bahitanywe no kwisonzasha
Bamwe mu bahitanywe no kwisonzasha

Amakenga ni yose muri Kenya aho igitigiri c’abahitanywe n’abafashe umugambi wo kwisonzesha gushika gupfa, gishobora kuba ari kinini cane kuruta uko vyari vyitezwe.

Igipolisi kimaze imisi gisaka ishamba rya Shakahola hafi y’ikivuko mu kigwati ca Malindi inyuma y’aho kironkeye amakuru ko hariko hakorwa amasengesho y’ibintazi ayobowe n’uwitwa Paul Mackenzie Nthenge. Uwo mugabo yasavye abahurikiye mw’ishengero ryiwe ko bakwiye kwisonzesha gushika gupfa kugira bamenye Imana.

Noordin Haji, umuyobozi w’ibiro vy’ubushikirizamanza avuga ati “ibihano bijanye n’ivyaha bisanzwe bishobora kuba bidakwiye. Ariko tugiye kwegeranya neza amakuru yose kugira tubashe guhitamwo neza ivyaha vyakozwe twisunze amategeko kuko ni agahomeramunwa.” Yongeyeko ati “Ica mbere ni uko ashobora kwagirirwa n’ivyaha bijanye n’iterabwoba canke icaha co gutanga inyigisho zihindura abantu intagondwa.”

Ejo ku musi wa mbere amakuru yatanzwe n’abakozi b’igipolisi agashikirizwa itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP, avuga ko igitigiri c’abantu bamaze kumenyekana ko bahitanywe n’inyigisho z’uwo mugabo Mackenzei kimaze gushika kuri 73. Abandi amagara arabakitse kubera inzara y’umurengera. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG