Uko wahagera

Burundi: Ubutungane Bwagumijeho Igihano c'imyaka 10 kuri Floriane Irangabiye


Floriane Irangabiye
Floriane Irangabiye

Mu Burundi, umucamanza w'iyungururizo yagumijeho igihano c’umunyororo w’imyaka cumi cari caciriwe umunyeshamakuru w'Umurundikazi Floriane Irangabiye mu ntango z'umwaka.

Umwe mu bo mu muryango wiwe yabwiye Ijwi ry'Amerika ko urubanza rwaciwe na sentare y'iyungururizo barumenye kuri uyu wa kabiri ku muhingamo. Ariko nta kindi kintu kinini ashimye kongerako. "Twacitse intege ntitubona ico gukora", ni ko yabwiye Ijwi ry'Amerika.

Floriane Irangabiye n'abamwunganira mu mategeko bari bunguruje inyuma y'ingingo y'umucamanza wa mbere yari yamuhanishije umunyororo w'imyaka cumi. Uwo mukenyezi akorera iradiyo yitwa "Igicaniro" ikorera mu buhungiro yari yafashwe mu mpera z'ukwezi kwa munani muri 2022 avuye mu gihugu c'u Rwanda. Ni ho yaba haraheze imyaka irenga 7. Yagirijwe ivyaha bibiri nyamukuru: guhungabanya umutekano w'igihugu no gukorana n'imirwi y'abarwanya reta.

Uwo muvyeyi w’abana babiri, abashingwamanza biwe hamwe n'amashirahamwe yigenga yo mu gihugu na mpuzamakungu arimwo " Human Rights Watch" na " Amnesty International" basavye ubutungane kumurekura bavuga ko ata kintu na kimwe kibi yigeze akora, ahubwo yakoze ivyo amategeko amwemerera nk'umumenyeshamakuru mu guha ijambo impande zose no mu kuvuga ico yibaza ku bibazo biri mu gihugu mbere n'umukuru w'igihugu asanzwe yidogera.

Mu mategeko y'Uburundi, Floriane Irangabiye asigaranye amahirwe abiri kugira abe yorekurwa. Ayo ni ukwunguruza muri sentare ntahinyuzwa no kuronswa ikigongwe c'umukuru w'igihugu.

Kugera ubu ni we mumenyeshamakuru wenyene ari mw'ibohero mu Burundi.

Mushobora kumva iyi nkuru mu majwi y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Nairobi, Eloge Willy Kaneza

Burundi: Floriane Irangabiye Ntiyatezuriwe n'Ubutungane
please wait

No media source currently available

0:00 0:02:49 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG