Uko wahagera

Floriane Irangabiye Yafashwe Avuye mu Rwanda Yoba Yemanga ivyo Uburundi Bumwagiriza?


Umupfasoni Floriane Irangabiye
Umupfasoni Floriane Irangabiye

Uburundi bwaciriye imyaka cumi yo gufungwa Umupfasoni Floriane Irangabiye inyuma yo gutahuka avuye i Kigali mu Rwanda aho yari asanzwe aba. Madamu Floriane Irangabiye ategerezwa kandi kuriha ihadabu ry' umuriyoni w' amafaranga y' Amarundi.

Floriane Irangabiye yakatiwe na sentare nkuru ya Mukaza ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura. Yagirizwa guhungabanya umutekano w'igihugu no kurondera abarwanyi binjira mu muhari wa Red-Tabara ufatwa na Reta y'Uburundi nk'umurwi w'iterabwoba.

Isoko ryo mu butungane bw'Uburundi Ijwi ry'Amerika rikesha ino nkuru, ryabwiye Ijwi ry’Amerika riti:" Mu gusigura ivyo bamwagirije, bafashe icegeranyo cakozwe n'igendereza baca bigana umukono wiwe. Baciye bandika ko Floriane yemeye ivyo yagirizwa vyose kandi ko yasavye imbabazi kuri ivyo. Ariko ni ikinyoma.

Umupfasoni Irangabiye ureste kuba ari mu mirwi myinshi y’Abarundi baba ku murwa mukuru w’u Rwanda I Kigali ni n’umukozi wa Radio Igicaniro yavukiye mu buhungiro muri ico gihugu. Arsene Bitabuzi bakunda gukorana mu biganiro bivuga ku Burundi canke akamutumira nk’umusesanguzi yibaza ko mugenzi we azira ivyiyumviro ashikiriza. Bitabuzi asanga kandi urubanza rwaciriwe mugenzi we rushobora gutuma Abarundi bahunze igihugu batagira umwete wo gutahuka mu gihugu c’amavukiro.

Ku bwa Maitre Armel Niyongere, umukuru w’ishirahamwe ACAT-Burundi ry’Abakirisu barwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, igihano cahawe Floriane Irangabiye gihonyanga ubwigenge mpuzamakungu bwo gushikiriza ivyiyumviro. Yabwiye Ijwi ry’Amerika ko uru rubanza ruri mu vyonona ishusho y’Uburundi bitari ngombwa.

Uwuserukira umuryango w’umupfasoni Irangabiye yatubwiye ko umuryango hataragera ko ugira ico ushikirije. Umwe mu bashingwamanza bamwunganira nawe muri make yagize ati:" Tugiye kunguruza kugira Floriane ahabwe ubutungane”.

Floriane Irangabiye yari yarengukijwe mu rubanza rwo kuwa 16 ukwezi kwa cumi na kabiri guheze. Rwabaye mw’ibanga ata bantu barukurikiye. Yariko afashwa n' abamuburanira batatu harimwo uwatumwe n' ishirahamwe ry' abakenyezi b' abanyamategeko mu Burundi.

Floriane asanzwe ari mw' ishirahamwe ry' abakenyezi n' abigeme baharanira amahoro n' umutekano, ryavukiye mu buhungiro mu Rwanda, amaze imyaka irenga indwi aba i Kigali. Yahagaritswe igihe yari agiye mu Burundi mu mpera z’ukwa munani 2022 imbere yo gupfungirwa imsi myishi mu gasho k'igendereza mu gisagara c'ubutunzi Bujumbura. Ubu apfungiwe mw' ibohero rikuru rya Muyinga mu buraruko bushira ubuseruko bw' Uburundi.

Amashirahamwe meshi yigenga n'ayaharanira agateka ka zina muntu n' ay' abamenyeshamakuru yariyamirije ipfungwa ryiwe. Ayo mashirahamwe abona ko ifungwa ryiwe ridakurikije amategeko akanasaba ko yorekurwa.

Ijwi ry’Amerika ryavuganye kuri terefone n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika Sylvestsre Nyandwi aribwira muri make ati: "Niyunguruza tuzoburana".

Ku bijanye n’uko Floriane Irangabiye yoba yegetsweko ivyaha biri mu cegeranyo atashizeko umukono yishuye yitwengera ati:" None ko sentare yasanze atari vyo kandi abamwunganira ntibabashe kwerekana ko bavuga ukuri?"

Urubanza rwa Floriane Irangabiye rwasomwe ku wa mbere w'ino ndwi, ariko zikamenyekana ku wa kabiri. Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza.

Madamu Irangabiye Yoba Yemanga ivyo Yagirizwa?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:17 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG