Uko wahagera

Burkina Faso: Abakekwa Kuba Abajihadiste Bishe Abasirikare 33


Abasirikare ba Burkina Faso mu myimenyerezo ya gisirikare i Jacqueville, muri Cote d'Ivoire, kw'itariki ya 14/03/2023
Abasirikare ba Burkina Faso mu myimenyerezo ya gisirikare i Jacqueville, muri Cote d'Ivoire, kw'itariki ya 14/03/2023

Igitero cakozwe ku basirikare mu buseruko bwa Burkina Faso kuri uyu wa kane cahitanye 33 n’abandi 12 bakomeretse.

Reta y’ico gihugu yavuze ko cabaye mu gatondo ko kuri uyu wa kane kw’ikambi y’abasirikare y’i Ougarou, intara yo mu buseruko bwa Burkina Faso. Igisirikare kivuga ko abasirikare nabo bishe abakora iterabwoba 40. Reta ya gisirikare ya Burkina Faso yateye ivyatsi ico gitero co kuri uyu wa kane yongera ivuga ko igiye kuzogitohozako.

Burkina Faso ni kimwe mu bihugu vyo mu burengero bwa Afrika bihanganye n’intagondwa z’abayisilamu. Haruhande ya Burkina Faso, zakwirakwiye no mu gihugu kibanyi Mali zica ibihumbi vy’abantu hamwe n’abarenga imiriyoni zibiri bataye ingo zabo. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG