Uko wahagera

Alain Guillaune Bunyoni Ararengutswa Ubwa Mbere Imbere y'Ubutungane kuri uyu wa Kane


Alain-Guillaume Bunyoni,
Alain-Guillaume Bunyoni,

Kuri uyu wa kane, uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni bitegekanijwe ko arenguka imbere y'umushikirizamanza kizigenza wa Republika. Amasoko yo mu butungane ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura yavyemereye Ijwi ry'Amerika kuri uyu wa gatatu mw'ijoro.

Bamwe mu babikurikiriye bugufi bavuga ko bimwe mu vyo ashobora kuzobazwako birimwo ukuba yaranse kuja ku kirimba cagenewe abashikiranganji ba mbere, ugupangisha amazu yiwe ku bushikiranganji bw'umutekano yahoze arongoye hamwe no kugaya umukuru w'igihugu.

Kuri uyu wa gatatu, umukenyezi wa Jenerali Bunyoni ni we yari yumvirijwe. Nk'umunega wiwe, nta mushingwamanza yari afise. Yari yaherekejwe n'umukuru w'umurwi CNIDH ujejwe agateka ka zina muntu Sixte Vigny Nimuraba ari nawe wenyene kiretse abariko bakora amatohoza mw'igendereza amaze kwemererwa kubonana n'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi.

Umurwi wiwe wari wavyemeje ku musi wa gatandatu w'indwi iheze bigashimangirwa na Agnès Bangiricenge, umuvugizi w'ibiro vy'umushikirizamanza kizigenza wa Republika na sentare ntahinyuzwa.

Uwo mupfasoni yatangaje ku musi wa mbere mu kiganiro c'abavugizi b'inzego za Reta ko Alain Guillaume Bunyoni akurikiranwa ku vyaha vyo "guhungabanya umutekano w'igihugu, guhungabanya ubutunzi bw'igihugu no kurondera inyungu z'akazi zidaciye mu mategeko".

Hisunzwe igitabo c'amategeko mpanavyaha c'Uburundi, aramutse yagiriwe n'ibi vyaha, Jenerali Bunyoni ashobora gufungwa kugera ku myaka 30.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG