Uko wahagera

Ubudagi Bwafashe Umunyasiriya Bukekako Umugambi w'Iterabwoba


Ikigwati ca Kempten
Ikigwati ca Kempten

Ubudagi bwafashe umugabo yikekwa kuba yariko ategura igitero cisunze inyigisho z’intagondwa zo mw’idini rya Isilamu mu gisagara ca Hamburg.

Abategetsi mu Budagi batangaje ko bafashe umunyesiriya w’imyaka 28 bakeka ko yari afise umugambi wo gukora igitero ca bombe yisunze ivyiyumviro vy’intagondwa. Amatohoza yerekana ko uwukekwa yariko agerageza kurondera ibikoresho vyomufasha gukora ibigwanisho vyoturikira mu banyagihugu.

Igipolisi kivuga kandi ko mwenewabo w’imyaka 24 aba mu kigwati ca Kempten ari we yamwosheje gukora ico gikorwa kandi arakimushigikiramwo. Abo bagabo bompi igipolisi kitashize amazina yabo ahabona, bavuga ko bafise ivyiyumviro vy’intagondwa zo mw’idini rya Islamu hamwe n’ibijanye no kugwana intambara ntagatifu.

Abategetsi bamenyesheje ko batari bafise amakuru atomoye neza ku bijanye n’ikibanza ico gitero cariko gitegurirwamwo. Igipolisi kivuga ko casatse ibibanza biri muri Hamburg na Kempten bahasanga ubumara bukoreshwa mu guhingura ibigwanisho biturika. Ico gikorwa co guhiga no gufata abo bagabo cagizwe n’umugwi w’abapolisi bashika kuri 250. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG